IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Isidore Rufyikiri yasimvye imitahe ibiri yamwinjiza mu Mpimba

Isidore Rufyikiri yasimvye imitahe ibiri yamwinjiza mu Mpimba

mercredi 8 Nzero 2014

Umushingwamanza Rufyikiri yarekuwe inyuma y’amasaha ane n’igice arenga ari muri sentare nkuru irwanya igiturire, mu gihe umutahe wo kumwinjiza mw’ibohero rikuru rya Mpimba wari wamaze gusohorwa.

Umushingwamanza Isidore Rufyikiri ahejeje guhabwa umwidegemvyo mu gihe yari amaze amasaha ane n’igice arenga ari muri sentare nkuru irwanya igiturire. Umutahe wo kumushira mw’ibohero rikuru rya Mpimba ukaba wari wamaze gusohoka. Mu gatondo ko kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 8 Kigarama rero niho umushingwamanza Isidore Rufyikiri yarenguka muri sentare irwanya ibiturire kugira yisigure ku vyo yagirizwa kuba yaranyonyeje amahera yari yagenewe ikigo CEBAC yari yatanzwe n’umugambi w’ibanki y’isi yose PAGE.

Nk’igihe c’isaha zibiri n’igice, umushingwamanza Isidore Rufyikiri niho yashika muri iyo sentare, ari kumwe n’abasanzwe bamuburanira bagera kuri batanu. Ariko yinjiye kugira abazwe, abacamanza bakaba bamusavye ko yofashwa n’umushingwamanza umwe canke babiri gusa. Isidore Rufyikiri akaba yanse iyo ngingo kuko ari uburenganzira bwiwe kugira abamuburanira, niho mu nyuma haciye hasohoka umutahe wo guhagarika Isidore Rufyikiri uzanywe n’abapolisi babiri.

Icatangaje abari aho, ni uko hasohotse imitahe ibiri yo kumuhagarika. Uwa mbere ukaba wari wanditse ko, ko yagirizwa kunyuruza amatungo ico bita mu rurimi rw’igifaransa Detournement watewe ko igikumu na Mariya Ndayikunda icariho c’umushikirizamanza mukuru muri sentare nkuru yo kurwanya igiturire. Kuri uwo mutahe, abatari bake bakaba bawuneguye kuko itegeko n0 72 ry’igitabo mpananvyaha, itegeko nimero 01/015 ryo kuwa 20 Mukakaro riza ryarahinduwe kera.

Haheze akanya gato, umushingwamanza Isidore Rufyikiri ari kumwe n’abamburanira niho yaza abona uwundi mutahe usohorwa na Mariya Ndayikunda nyene, wanditse ko yagirizwa kunyuruza amatungo y’uwo mugambi, no gutunganya nabi ibikorwa, uyo mutahe ukaba warutandukanye n’uwa mbere, bikabonekako umugambi wokujana uyo mushingwamanza uyu munsi vyari ntabanduka. Isidore Rufyiikiri n’abo bamuburanira bakavuga ko ivyo vyose vyerekana ko ari umugambi w’intwaro ya CNDD FDD, yo gukorera inteba ishushe abo bose banegura ivyo uyo mugambwe ukora bimwe bimwe usanga bidashimishije.

Isidore Rufyikiri ari kumwe n'umwe mu bamuburanira Onesime Kabayabaya

Isidore Rufykiri avuga ko ivyo vyose ari itotezwa ry’umugambwe uri ku butegtsi, kuko be n’urwego arongoye ata na rimwe bihanganira kugira ico bavuze ku bwicanyi canke ubusuma buba buriko burakorwa aha n’ahariya. Kanatsinda, akavuga ko ivyo yagirizwa atari vyo na gato, na rirya uwo mugambi wo wamushimiye ko yaranguye neza ibikorwa wari wamushinze. Abashingwamnza ba Rufykiri bakavuga ko kubona atarinze aranabazwa, ari ibintu vyari vyamaze gutegurwa, ko aca ajanwa mw’ibohero rikuru rya mpimba.

Inyuma y’imibonano itari mike hagati y’umushikirizamanza mukuru hamwe n’abasanzwe baburanira Isidore Rufyikiri na Mbonimpa Petero Mbonimpa asanzwe arongoye ishirahamwe rikurikirana abapfunzwe n’agateka ka zina muntu,niho hafashwe ingingo yo kumurekura, akazosubira kwumvirizwa ku rindi sango.


Floxella Karire

Messages

  • Ivyuburundi ntivyoroshe!!! pole sana

  • Naho yumvirijwe ategerezwa gupfungwa kuko objectif yaba dd nuko apfungwa kuko avuga ibitagendaneza mu gihugu,ntakundi nuvyemere ariko ntucike intege kuko iyo rete yamanyanga ntagihe kirekire isigaje kuko abanyagihugu barabona.

  • Nibirori niyihangane agumyumutim nibisumbaharya azabivuge ukuri kurababaza
    ngobararyimbwa zikishura abakenewe sibobafatwa nkindegezimaze kuribwa zinganiki?kobadafatwa????

  • reka ntaco igih ibintu vyose bizohinduka muminsi iza kandi abo bariko baracinyiza abandi biyita aba pasteur canke abandi bazoramukirwa vuba!courage mrs isidore!

  • Vy’ukuri birateye isoni kubona kuguguna ivyabanyarucari n’igiturire birang’intwaro y’igihugu cacu atarivyo reta yitayeho,ahubwo n’uguhonereza ku Musaga uwutemera amanyanga y’aba DD!!Mes amis DD ntamvura idahita mushaka mwokwihanganira abandi mugifise n’akaryo kokuba murabikora.Mbe Kadafi munyumviraarihe??Mon frère Adolphe zantete twaguterera hamwe i.Mutabila zarizo gutotezabandi??Shame,n’utikebuka imbere si heza vyanka vyemerwaM

  • Ubage inkoko pe ariko urarewngana imana yavuze ngo uwuvuga ukuri azokuzira nayezu yarakuzize imana ishimwew.

  • Isidori ntibamworoheye!! baramurondera cane kabisa

  • None ni nde yamwitwariye?Nimba ari PAGE ni babivuge.Akaba yari amahera ya Leta naho nyene babivuge!Bareke kurementanya kuko Imana igiye kubakurako amaboko!

  • Aho ho ubwo burundi nihatari barakeneye invuga kuri zose bazifunge,,nibakore ivyo bashaka vyose ariko ndabona ko batamira bukoroka aho bizoteba bije ahabona ngo bose babireba

  • Imana ishimwe urwuyumis urarusimvye bagiyekuronderibindi binyoma turagow ubu abagabo ibinyomavyarabakamanye abagore nibobasigaye arivyagiriji vyibinyom nibakomez

  • turasavye umusi umwe baze bafate abo bantu bibaza ko vyose bishoboka mugihugu kibamwo abantu. babashire kuri stade abantu baze baraca kubatwenga. n’ibarabe ibihanze igihugu, bakosore ibitagenda neza, bareka gutoteza ababahanura!!! nyakubura uwumuhanura niwe ntakubura uwumuhamba. umuhanuzi si mubi.

    turasavye ubutegetsi burabe hagati mubatwara abahanuzi babi babakosore

  • oya kweli birakwiye ko mu burundi akarenganyo kohera burya abarundi barayamaze ngo rutwara abandi rutakwibagiye.burya uwutwara uno musi ejo arahava hakaja uwundi.none nawe arenganijwe ntiyobabara?

  • Biraturaba twese ibiriko biba mu Burundi itegereze abo bacamanza mubafate amasanamu mubafate n’amajwi ndetse n’amazina muyatwandikire tuzobibariza hageze

  • Yemwegaye basha ibi ni agahomamunwa kabisa abirirwa bariba ntibafatwa

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.