IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Umwimbu wa SOSUMO wariyongereye mu mwaka w’2013

Umwimbu wa SOSUMO wariyongereye mu mwaka w’2013

mardi 26 Munyonyo 2013

Mu gihe isekeza ry’ukwimbura ibikaju vy’isukari mw’ishirahamwe SOSUMO (Société Sucrière du Mosso) rizorangira mu ndwi zibiri gusa, umuyobozi mukuru w’ryo shirahamwe amenyesha ko umwimbu wiyongereye cane agereranije n’uwari wabonetse mu mwaka uheze.

Audace Bukuru, umuyobozi mukuru w’ishirahamwe rihingura isukari SOSUMO ( Société Sucrière du Mosso) arashima umwimbu bategekanya kuronka kuko uruta uwo bari baronse mu mwaka uheze. Mw’ishirahamwe SOSUMO bamenyesha ko biteze umwimbu ugera ku toni ibihumbi mirongo ibiri na bitanu (25.000 tonnes). Iryo shirahamwe SOSUMO rizoba ryungutse amatoni ibihumbi bibiri bageranije n’umwaka uheze w’2012.

JPEG - 50.9 ko
Audace Bukuru, umuyobozi w’ishirahamwe SOSUMO

Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe SOSUMO, Audace Bukuru amenyesha ko ihangiro bihaye ari ugushikana umwimbu ungana n’amatoni ibihumbi mirongo itanu (50.000 tonnes) ku mwaka. Kubwa Audace Bukuru, umuyobozi w’ishirahamwe SOSUMO, uwo mwimbu bipfuza gushikako niwo uzobafasha gukwiza isukari mu gihugu cose, n’iyindi ishobore gushorerwa hanze y’igihugu, mu bihugu bibanyi.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.