IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Urubanza rwa Ferederiko Bamvuginyumvira rwahawe irindi sango

Urubanza rwa Ferederiko Bamvuginyumvira rwahawe irindi sango

lundi 17 Munyonyo 2014

Abagiriza Ferederiko Bamvuginyumvira ku vyaha akurikiranwako ntibashoboye kwitaba intahe yo kuri uwu wa mbere, nk’uko vyari bitegekanijwe. Sentare yaciye ifata ingingo yo kwungururiza urwo rubanza kuri rindi sango rya hafi.

Ferederiko Bamvuginyumvira, yahoze ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, akaba n’icegera c’umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU akurikiranwako icaha co gushaka gutanga igiturire, inyuma y’aho yagirijwe ko yafatiwe mu nzu y’uburaro mu Kajaga, ari kumwe n’umupfasoni Joséphine Nzeyimana. Mu gihe vyari bitegekanijwe ko urwo rubanza rusubira gusasa kuri uwu wa mbere, abari kwagiriza Ferederiko Bamvuginyumvira ntibashoboye kwitaba. Sentare yaciye ishira urwo rubanza kuri uwu wa gatanu, kugira barindire ivyo vyabona vy’uwuserukira Reta mu rubanza.

Fabiyano Segatwa, umushingwamanza wa Ferederiko Bamvuginyumvira asaba ko ivyo vyabona vyorenguka, ukuri kukamenyekana, kuko icaha Ferederiko Bamvuginyumvira akurikiranwako ari irementanya ryo gushaka kumwaka agaciro.

JPEG - 35.9 ko
Fabiyano Segatwa, aburanira Ferederiko Bamvuginyumvira

Kuva Ferederiko Bamvuginyumvira afatwa, mu mugambwe wiwe Sahwanya FRODEBU usanzwe uri muyitavuga rumwe n’ubutegetsi bw’Uburundi ubona ko ibiriko biramushikira ari irementanya ata kindi rigamije atari kumwaka iteka n’icubahiro, hamwe n’ukumwegeza kure kugira ntiyitegurire amatora yo mu mwaka w’2015. Kubwa Léonce Ngendakumana arongoye umugambwe Sahwanya FRODEBU, ni akamaramaza kubona umuntu afatwa agakorwako irementanya kandi ivyo ariko aragirizwa bitagira ivyemeza. Ababuranira Ferederiko Bamvuginyumvira bagasaba ko muri urwo rubanza rwo kuri uwu wa gatanu, ivyo vyabona vyorenguka bikishura ku bibazo vy’abacamanza, kugira urubanza rwa Ferederiko Bamvuginyumvira rushobore kuva mu nzira, akurweko ivyo yagirizwa.

JPEG - 73.7 ko
Léonce Ngendakumana arongoye umugambwe SAHWANYA FRODEBU n’urunani ADC - Ikibiri

Egide Nduwimana

Messages

  • Mbega aho bamwagiriza ubusambanyi hari uwurusha ubusambanyi abo ba dd. Ikibabaje kdi nuko hari nabaja muri vyabikorane vyabo bavuye gushurashura ntawe tudomye ko urutoke kuko ntiduca imanza. Mana dufashe udukureko bano ba dd tubisavye mwizina ry’umwami yacu yesu Amen.

  • Ba nyarucari batagira uwubaburanira barahumiiweeeeeeeeee!nareme bazomutunganiriza ,nône ntaburana yidegemvya?Ntatinye intahe natwe turayemera !Muri Sahwanya Frodebu ,ko atawuvuga ivya NDADAYE,haryantiyarenganijwe?Bafyurira amaso ahatari ho. Mbega umwumwa wubutegetsi!Nibareke gucafuzanya bagayana ,ni bubahane,kuko nibene Burundi,ubutungane bube kuri bose.

  • MBEGA BUTAME Emmanuel URAZI IVYO ABA DD MUGIRIRA ABANDI IMANA RUGIRA VYOSE IZOBIBABAZA?KANDI MUZOVYISHURA ?reka inabi,reka Irementanya,reka kwica abo mutavuga rumwe,reka kwiba abagore babandi ,raka kwiba IGIHUGU,REKA KUDANDAZA uBUHANGA BW’ABANTU.......................................KORERA IGIHUGU CANYU.AHANDI HO..............MUZOBONA.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.