IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Urubanza rwa Manirumva rwahawe irindi sango

Urubanza rwa Manirumva rwahawe irindi sango

jeudi 26 Ruheshi 2014

Sentare gasamburamanza yari yahamagaje kuri uwu wa gatatu urubanza rwa Manirumva Ernest, ariko rukaba rutabaye rucumvirizwa, kubera basanze ivyavuye mu rubanza rwa sentare isubiramwo imanza bitaramenyeshwa abo vyega.

Urwo rubanza rw’abagirizwa urupfu rwa Ernest Manirumva yahoze ari icegera c’umukuru w’ishirahamwe OLUCOME rwungururijwe ku genekerezo rya 4 Nyakanga 2014, kuko basanze rutari kwumvirizwa kandi ivyavuye mu ntahe ya sentare isubiramwo imanza bitari bwamenyeshwe abaciriwe urubanza, harimwo na Hirari Ndayizamba apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba kuva mu mwaka w’2009, akaba yaciriwe urubanza rw’ugupfungwa ubuzima bwiwe bwose.

Umushingwamanza Prosper Niyoyankana aburanira ishirahamwe OLUCOME n’umuryango wa Manirumva amenyesha ko bitangaje kwumva ko sentare gasamburamanza yotumako urubanza kandi n’ivyavuye muri sentare isubiramwo imanza bitaramenyeshwa ababuranyi.

JPEG - 28.3 ko
Umushingwamanza Prosper Niyoyankana aburanira ishirahamwe OLUCOME n’umuryango wa Manirumva

Ernest Manirumva yahoze ari icegera c’umukuru wa OLUCOME yagandaguwe bunyamaswa mw’ijoro ryo kuwa 8 Ndamukiza 2009, rishira iryo kuwa 9 Ndamukiza 2009. Ikiziga ciwe catowe ku rugo iwe ku Mutanga. Imbere y’uko agandagurwa, Ernest Manirumva yariko akora amatohoza ku nkoho zagurwa ariko ntizishike mu gihugu. Izo nkoho zaburirwa irengero zagurwa n’ubushikiranganji bw’umutekano bwari burongowe na Alain Guillaume Bunyoni.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.