IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Urudandazwa rw’inyuma y’ahahora isoko nkuru ya Bujumbura rwabujijwe

Urudandazwa rw’inyuma y’ahahora isoko nkuru ya Bujumbura rwabujijwe

lundi 13 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Abacururiza inyuma y’ahahora isoko nkuru ya Bujumbura babujijwe gusubira kuhakorera, abaporisi akaba aribo bahazindukiye, bashira mu ngiro ingingo yafashwe y’ukubuza imirimo abo bahora bahadandariza.

Abarongoye igisagara ca Bujumbura bari batanze isango ntarengwa ryo kuri uwu wa mbere kugira abo badandaza bazobe bavuye muri ico kibanza, ariko abo badandaza bagasaba ko bokwerekwa ahandi bokorera kugira ntibicwe n’inzara.

Abo badandaza bagizwe ahanini n’abakenyezi batembereza ivyamwa hamwe n’imboga, bamenyesha ko batabona ingene bagiye kubaho, kuko bari batunzwe n’urwo rudandazwa ruto. Umwe mu baganiriye n’ikinyamakuru IGIHE yasiguye ko naho yokwerekwa inzu y’ukudandarizamwo ipangishwa, ko atoronka amafaranga y’ukuyiriha.

"Twagenda kwa Siyoni tukarangura nk’ivyamwa vy’ibihumbi cumi, tukaza ngaha kudandaza. Imana iguhezagiye ukunguka n’ibihumbi bibiri uca ugura indagara abana bakarara bariye. Batubwiye tuje mu yandi masoko, ata mahera ufise y’ugupanga ikibanza woshikira hehe? Nk’uwufise umutahe w’ibihumbi cumi yoja kudandariza hehe kandi bidakunda."

Abo badandaza basaba ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura ko bwobaronsa ahandi badandariza batabanje kurihishwa amafaranga y’ibibanza.

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura akaba amenyesha ko inyuma y’ahahora isoko nkuru ya Bujumbura hugawe, ko kizira ko hari uwusubira kuja kuhadandariza. Ku makenga y’abo badandaza bavuga ko batazoronka aho bakorera, Freddy MBONIMPA, umukuru w’igisagara ca Bujumbura avuga ko mw’isoko ya COTEBU hari ikibanza abo badandaza bagenewe.


IGIHE

Messages

  • ivyo ndabishimye kuko nintumva nibazikuruguture

  • Kweli ivyuburundi ntivyorosh jicobona basi ko badashaka kobohakorera mugani wabo nibaberekahoboja gusa ubuzma ntibuhagrar.

  • Bujumbura iraje imere nka kigali birigwa bararirimba. eterambere riraje ribereke ko ari ntakumigwa.

  • Abategetsi b’Uburundi muri agatangaza, none abantu bazokura hehe ay’ibiturire musaba muri vyose?
    Ariko murindire, iyo chômage iri mu bantu niyo izobamatura ku butegetsi aho mwatobeye. Le printemps arabe yahereye aho: kwirukana abironderera gutora iryo basumisha.

  • EMW NDASHIMIY ABAFASH IYONGINGO EREGA WAHORUMENGA NIMWISOKO KANDARI MWIBARABARA! MWAKOZ

  • Nibabareke Babe Barironderera Utuboga Twabana, Hama Icokibaza Nibaza Kugikoreramwo Icocagenewe ,bazoheza Bababisire!

  • Nibabareke Babe Barironderera Utuboga Twabana, Hama Icokibaza Nibaza Kugikoreramwo Icocagenewe ,bazoheza Bababisire!

  • MBONIMPA URIBUKA KO IZO ARIMPFUVYI NA BAPFAKAZI BAZOGUHUMIRA UZE UFATE INGINGO UUBANJE GUTEGURA EJOHAW URIBUKE ABAGUTANGURIYE GISWASWA ARIHEHE IHEREZO RYIWE RYABAYE IRYAHE ,

  • MBONIMPA URIBUKA KO IZO ARIMPFUVYI NA BAPFAKAZI BAZOGUHUMIRA UZE UFATE INGINGO UUBANJE GUTEGURA EJOHAW URIBUKE ABAGUTANGURIYE GISWASWA ARIHEHE IHEREZO RYIWE RYABAYE IRYAHE ,

  • Namye mvuga yuko iporitike ya babantu kwicuritse,ntamutegetsi akunda abanyagihugu biwe yo kwubahuka kubuza uriko ararondera icatungisha umuryango wiwe !.Umaze kubuza umuntu kwarondera ubuhisemwo kumutuma ati gendawibe,ubuzima bwomugisagara buragoye udahendaheze muburyo nkubwo ntushobora kubaho. iyo baba abantu bafise ivyiyumviro birashe,bari gufatiyongingo bamaze kubereka ahantu badandariza utwo tudandazwa ataco barinze kubasaba, ariko biracagoye kugira borohereze abakene, naburya ubutunzi bugeze ahatemba, bategerezwa gutemba umuryagihugu.

  • vyari bikwiye nibasange abandi kuri cotebu ntaco bagarariza retat nibintu bihaye nabariyo nabantu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.