IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Urugendo rw’abanyeshure ba kaminuza y’Uburundi rwabujijwe n’igiporisi

Urugendo rw’abanyeshure ba kaminuza y’Uburundi rwabujijwe n’igiporisi

mardi 21 Ndamukiza 2015

Urugendo rwari ryateguwe n’abanyeshuri bo muri Kaminuza y’Uburundi rwari kubashikana kw’ibohero rikuru rya Mpimba kuraba bagenzi babo bapfungiweyo rwahagaritswe n’igiporisi. Abanyeshuri ntibakiriye neza ivyifato y’igiporisi rwari urugendo ruteguwe mu mahoro, kandi umuntu apfunzwe arafise uburenganzira bwo kurabwa n’ababishaka bose nk’uko babivuga.

Abaserukira abandi muri Kaminuza y’Uburundi bari hagati ya 200 na 220 bazindutse bagira urugendo rw’amahoro bitiriye "uwa kabiri w’umwijima", bambaye impuzu ziranura, bava mu kigo ca IPA bagana ibohero rikuru rya Mpimba ripfungiwemwo, abaherutse kwagirizwa ko batutse umukuru w’igihugu.

JPEG - 5.7 Mo
Simon Marie Rurasuma aserukira abanyeshuri ba Kaminuza y’Uburundi

Ntibatambutse kabiri, kuko barenganye gato aho bita "Monument du Soldat Inconnu" bafashe irya Musaga, basanganiwe n’igiporisi. Nk’uko bivugwa na Simon Marie Rurasuma, intwazangabo mu giporisi yabahagaritse, yabasavye ko hogenda abanyeshuri batarenga batanu. Simon Rurasuma nawe avuga ko batavyemeye kubera bari bafise amakuru ko hariho abandi banyeshuri bashaka gufata, nawe nyene arimwo. Baciye basubira inyuma. Uwo mukuru w’abanyeshuri ba Kaminuza y’Uburundi ati:" Twahisemwo gusubira inyuma kuko nta mugambi wo guhangana n’igiporisi twari dufise". Amenyesha kandi ko agaseke bari bashiriye bagenzi babo gategerezwa kurara kabashikiriye.

Abo banyeshure bashitse mu bigo vya Kaminuza, Rurasuma afata ijambo ryo kubashimira, aramutsa ati:" Tugire iteka n’ubutungane kuri bose". Amenyesha kandi ko imirimo ica ibandanya inyuma y’umutaga. Ikigiye gukorwa nk’uko abivuga, n’amanama agiye kugirwa kugira barabe ko umunsi wa Kabiri w’umwijima uzobandanya, akizera ko igiporisi kizoteba kikabareka kuko n’akare kirenga amategeko agenga umupfungwa. Ikindi asaba ubutungane, kwikubita agashi kuko bwananiwe kwagiriza abo banyeshuri bagenzi babo, bikaboneka ko bapfungiwe imvo za poritike. Rurasuma asaba kandi ko atamunyeporitike yobiyitirira.

Tubibutse ko Rene Nshimirimana na Yohani Bosco Nibizi bapfunzwe bagirizwa icaha co gutuka umukuru w’igihugu bari mw’ikarashishi, ivyo vyananiye umucamanza gusigura neza. Bafashwe ari ku munsi w’Imana bafatirwa mu bibanza bitandukanye hamwe n’abandi banyagihugu bikorera ivy’abo.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Birababaj can kubona tutakironka uruhusha rwo kuraba abacu bapfunzw,ico ni kimw mu biranga intwaro y’agahotoro,Imana nirab itabare uburundi bugez habi

  • niyumvira ko bobagiriza ico caha co gutuka umukuru w’igihugu,basanze arivyo bobahana bakurikije amategeko,kand ntibarenganwe.ok murakoze..

  • AKABABARO, AKABONGE, UBWOBA, UBUKENE, INDWARA, INTAMBARA, GUSAHURA, GUTA AKARANGA K’IGIHUGU, KUGURISHA UBURUNDI, KWICA ABANYAGIHUGU, KWONONA IMIGENDERANIRE N’IBIHUGU BIBANYI, KUTAMENYA GUTANDUKANYA ITUNGA RY’IGIHUGU N’ITUNGA RYIWE (nkuru) nivyo vyaranze intwaro y’aba dd

  • Mu mutwenzi wo kuri uyu wa kabiri humvikanye urwamo rw’amasase hafi y’ikirimba c’umukuru w’igihugu. Amakuru tugitohoza avugako ari abasoda bato bato basubiranyemwo bapfa ubwoko nukwigizwayo gukorwa n’abasoda ba bahutu b’i makamba.

  • Ewe Mana yabara i gihugu kigeze kure umve amarira yabawe bagutakambira Aho atawukigarukira ku wiwe turagowe ariko turacafise Imana ntitwiganyire !

  • ntaho kwisi nzima uzasanga itwaro imeze nkuko bose bifuza kereka ubwami bw’IMANA gusa, ikibabaje nuko abantu tutamenya ahoturi ngo twubahe amategeko ahagenga kandi twitwango turi incabwenge.

  • MURIKO MURAKINA N’INTARE IKAZE UMUNSI YABAVUMBUKANYE NIBWO MUSOYIMENYA!!!!

  • NDARAMUKIJE ABARUNDI BOSE BIPFIZA AMAHORO TWIZIGIRE KO DD IGIRA IGENDE NAHO BAKOZE AMABI MESHI.

  • BARICA,BARARENGANYA BARASAHURA,IVYO NIVYO BIRANGA INTWARO YABO

  • Kugenda kureba uwawe afunzwe bisabako barinda kuvyita umusi wirabura? Canke barinda kugira umurwi wabantu baganagurtyo? Jewe ivyondabibona nkigutero!.

  • Burya barakwiy kumenya ko iki Gihugu ataricakajagari.abantu 200 aho bari numugumuko.kandi tumenye ko uwukosheje amenye ko ategerezwa guhanwa.nibarindir ubutungan bukore

  • KUDAHANA IMBWA VYORORA IMISEGA.....AHA MWATASHE CAMPUS MURARYA MUVUYE MW’I ROUTE KWELI!MURIBIJUJU..MWEBWE NAHO MUVUGA NGO NABANYEPOLITIQUE MURI KUMWE TURABIZI ARIKO MURIKO MURATA UMANYA WANYU KUKO NTA RETA MWOGWANYA NGO MUBISHOBORE ARIKO COURAGE" INTARABONA ISERA IHAHA"

    UBU AYANDI MA KAMINUZA YIZE UKURI KWAMYE NAMWE NGO MWIBARABARA...UWORABA MWESE MUVA MU MIRYANGO IKENYE AHA HOFATWA INGINGO YO KWUGARA KAMINUZA KUKO MWAHAGIZE UMUKINO WA POLITIQUE MWORABA INGENE UMWE WESE AJA KUGURANA TICKET IMUSUBIZA IWABO...ZA MURAFYINA MURIKO MURYA KURI GUSA....MWOGA KURI GUSA...MUKARYAMA KURI GUSA NONE RABA INGENE MURIKO MUTA UMWANYA!BABIRUKANYE NTUZE WEWE NTAZOZE KUNSABA TICKET KANDI NTAZOZE NO MUHIRA KUKO SINKUNDA ABANTU BIFATA NKABANA BAKUZE...!

    MWABANA MWE REKA GUFYINA NA MAYISHA......NDAVUGA NSIVURA...BENSHI MURI MWEBWE TURAZINANYE!

  • Nous ne sommes plus a l’epoque de Willy Madirisha, Vache , etc....uwuzorukarisha ruzomumwa. Bana genda kwiga, abo babahenda bafise diplomes zabo... Ntakazi muzoronka mutize. Le temps perdu ne revient jamais.

  • nukuri ndatangaye ariko nagira ndababwire ko abahiriwe ejo bazogorwa mbega iyontaro bibaza ko izohora gityo,izohinduka nayo abafunzwe bazzovayo ataco babaye nkamandera gusa ntimwibagire gusengera igihugu cu burundi.murakoze

  • ubwatsi burasha bukabisa ubund.abo nib burund bw ej.mwba muz ivya mohamed morsi?kora ivy Imana Ibagera.

  • HAAA! IVYUBURUNDI !ABAKIRAVYEBAZOBONA BAZOBONA.TURATABAZA IMANA ITABARE ABARUNDI ABANYESHURE BIGE .NIMWATSINDA,NTIMUZEMWIHORE MUZEMWIBAGIRE AMAGORWA MURIKO MURABONA:UGUHORA NUKW’IMA .NTAMVURA IDAHITA NIYOKURI NOWA YARAHISE.

  • Abantu mwese muharaniye ukuri nimuhumure mugomba muhabwe ijombo<nukuri ikinyoma kigomba cakwe ijambo>umugabo umwe bamuciriye ugo gupfa bati hitamwo kubabwa canke guturirwa harabuze ico yohitamwo kugeza kwisaha yanyuma.baciye bamugeza uko bagovye.

  • iyooo!Uwo pepe n’umurundi yiyemera kweli?akunda abandi?kugira ngo avug ko abo kuri kaminuza ngo ni ibijuju we afis diplôm idafis abandi?abo bafashw kuri wen’imyavu nibaher mwibohra ntana valeur bafis:burya inda y’umworo imenyekana agasamo.nanj ndamukebuy mvuga nti:umusambi wari mwiza n’uko urira amavyi kwibuyi.nasib kubaha amahera y’itik niba ariw yahora ayabaha.iyo bumenya pepe wenyen bwari ikindi.ivyo kuri w mukubivuga siw hari akari muriw kabimutuma we agow n’iki?zaramuhay niyigamb.ariko amenyeko ingoma zokwisi zikuranwa.

  • iyooo!Uwo pepe n’umurundi yiyemera kweli?akunda abandi?kugira ngo avug ko abo kuri kaminuza ngo ni ibijuju we afis diplôm idafis abandi?abo bafashw kuri wen’imyavu nibaher mwibohra ntana valeur bafis:burya inda y’umworo imenyekana agasamo.nanj ndamukebuy mvuga nti:umusambi wari mwiza n’uko urira amavyi kwibuyi.nasib kubaha amahera y’itik niba ariw yahora ayabaha.iyo bumenya pepe wenyen bwari ikindi.ivyo kuri w mukubivuga siw hari akari muriw kabimutuma we agow n’iki?zaramuhay niyigamb.ariko amenyeko ingoma zokwisi zikuranwa.

  • Mes chrs amis j vs encouraj . Ntamvurigw idahita 1jr izub rizokwak .ijoro naryo muguca ririrabMes chrs amis j vs encouraj . Ntamvurigw idahita 1jr izub rizokwak .ijoro naryo muguca ririrabura

  • @karikirubu
    Ivyo vyose udondaguye vyari ku ntwaro z’abatutsi ,ubu ntabihari,iyo bihaba ntibari kubareka ngo bihereze amabarabara hakabura n’inembo nimwe ibavugirako,nimwivugire ivyo mwishakiye ,ariko hari igihe vyohinduka,ni bukebuke abarundi ntitwihutisha ibintu,kandi ayo ni amavamuhira bazoturura,ikindi naco womenya abo banyagihugu biswhe ni mwebwe abatutsi mwabishe,muturira n’amasoko kugira muteranye abahutu,aho muri nuko ,muri ba barajingitwa na ba gateranya,nuko mufise amaradio yo kwiyamamurirako ariko hari igihe yosha imana ni nkuru!

  • Mwabonye ibihutu nivyo bija imber kubera iki?Ewe peter sha ntaco!

  • @ Nduwimana

    Ndashigikiye ijambo watanguje, ko kudahana imbwa vyorora imisega. Ariko, nashaka kubaza ko igihugu cose cahindutse imbwa. Wewe nimba Imana yaragufashije ugaca basi no muwa zero-hamwe bita mubidudu, warigeze ubwigwa ko mugihugu kirimwo demokarasi, ko akagwi kari kubutegetsi muri uwo mwanya kemerewe gutera akagere abo karongoye, hanyuma kagatwara abantu uko kagomvye? Ariko kuko ataho waciye, iki kibazo kirakurengeye. Je nibaza ko ako kagwi arizo zitwa imbwa muri uyo mugani. Ubwo rero kakaba gakenewe guhanwa n’igihugu hamwe n’amakungu. Ubwo rero ntuzosubire kuvuga ivyo utazi . Erega utaravye neza uzohava wibagira n’izina ry’igihugu urimwo kubera gushira umugambwe imbere.

    @Vyganeza

    Wewe nimba warakurikije impanuro naguhaye wa munsi, ndashaka kumenya umuganga yakuvuye kuko ndabona ko ubu hoho ahubwo yakwononye. Erega uhava ugenda uri amenya mwibarabara. NTASONI? Nukuri Nimba hari abantu benshi buzuyemwo amacakubiri y’amoko hano muburundi mu mwaka wa 2015, ni WEWE, NUWERA, hamwe n’imiryango yanyu gusa. Erega iyo ushatse gutanga iciyumviro —naho coba ari ciza gute (weho warishwe n’amacakubiri ntanivyiyumviro igifise), ariko ugashira amacakubiri imbere, uca wumvikana nk’ikijuju. Aho ubona utari uruhombo kubavyeyi bawe no kugihugu?

    @ Nuwera
    Jewe mbona ko ukwiye umugiraneza yoguha akazi. Naho koba ko gukoropa ama wese. Kuko hari igihe vyokwigisha ico demokarasi ari co. Je ndagusavye umfashe ikintu kimwe gusa. Niwatembera hanze y’Uburundi, maze bakakubaza ngo uvahe, ndagusavye kuneza y’igihugu cacu, uzobabwire ko uri umu Somali. Kuko aho bogutahura ivyo uvuga vyose. Kuko bodutwenga hamwe ubabwiye ngo uri Umurundi. Erega nayamfashanyo baha NKURUNZIZA nako baha igihugu kugira abana bige, boca bayitwaka ngo ntaco tuyimaza.

    KUNDE IGIHUGU CANYU... TERERA AMASO MURABE KAZOZA, NTIMWISHINGE KUBA BA NIRYO. Aba bagabo barorohegwa no gukoresha mwembwe kuko ataco mubona.

  • nivyo ubutungane burahengamye mugabo ntanvuridahita

  • si j’essaie d’analyser les differents avis tous ceux qui donnent leurs avis oublient le passe!nta narimw inyishu y’ikibaz kanaka itorerw dans la rue!ahubw yaba arije ntwara igipolisi naho boba ibihumbi bagiy mwibarabar nobashir mugasho mu burund huzuy nkakota mubind bihugu kuber" dire democratie ce n’est pas dire libertinage" abo banyeshur babur kwiga ngo 3e manda ibatway iki?ari jew nobavugutir umuti pe !!!!

  • Ubwo abo abanyeshure ntibokora icabajnye mu masomero, hama induru bakazireka? Erega ni bo bahomba batakaza umwanya!!

  • Wamuntugasha wubahuka kwifatira mugahanga umuntu wigihangange nkanjewe NUWERA ntasoni!.

  • Kobataribagiye Kugariza Kwibohero Barikubareka Bakaraba Bagenzibabo Naho Ikosa Bahowe Ntiryarikubapfunga Kuko Murisiporo Hariribwa Izobiyuviye Zose

  • AMAKURU YUBURUNDI

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.