Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
USA : Mu mashure abasore bicana bapfa inkumi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > USA : Mu mashure abasore bicana bapfa inkumi

USA : Mu mashure abasore bicana bapfa inkumi

mercredi 3 Ruheshi 2015

Amerika : Imvo yatumye Mathew Fischer yica mugenziwe

Muri Reta zunze ubumwe z’Amerika muri Reta ya Calorina y’Epfo, umwana w’imyaka 17 yitwa Mathew Fischer ari mu maboko y’inyamiramabi, inyuma yo kwica umunyeshuri bigana, amuziza ko yoba yandikiye ubutumwa bugufi umukobwa yakundana nawe amusaba urukundo.

Nk’uko tubikesha www.newser.com, uyo mwana Mathew yashavujwe n’uwitwa Lucas Cavanaugh w’imyaka16.

Ibi vyabaye ku kuri uyu wamungu uheze, aho Lucas yarungikira ubutumwa bugufi umugenzi w’umukobwa wa Mathew, ubwo butumwa butanamaze amasegonda menshi, bwahise bukurikirwa n’ubwo Mathew Fischer yarungitse nawe, arungika abanje kwifotora amenyo yiwe, maze arandika ati "after i will kill u.”bisigura « hanyuma nzoca ndakwica »

Hanyuma rero Lucas yaciye aja iwabo w’uwo mukobwa akundana na Fischer mu gace ka Mont Pleasant, ahurirayo na Fischer bararwana, LUCAS bamukomeretsa ku kanwanwa. The New York times, ivuga ko Fischer ari we yatanguye indwano hanyuma ahita akura icuma mu mufuko w’iburyo, agitera mw’izosi rya Lucas. Fischer yaciye ahamagara nyina akoresheje telefone yiwe, hanyuma kuko hatari kure, araza ahamagara inyamira mabi nazo zija gufunga uwo muhungu naho yari uwiwe , ariko bashitse basanga Lucas wewe yapfuye.

Muri Amerika abana b’abahungu ntibasiba kwiha inkumbi bapfa abakobwa, aho ibinyamakuru bivuga ko mu mashuri yisumbuye biboneka ku bwinshi.


Bill Nkurunziza

Messages

  • ndahanura mwebwe mukundana murabeko vyobabera akarorero murukundo murimwo mwirinde kujagara basha bizotuma muticana!

  • Sha ivyo kweli vyama vyabaye.arko rero abakobwa baze bararaba bareka kuvanga abo bakundana.keshi iyo umuntu ahemukiwe biramubabaza can bigatuma umuntu akora ibintu bibi atokoze.kenshi rero umuntu abikora atabizi.biragoye rero!

  • IVYO NTIBIBA MURI AMERIKA GUSA AHUBWO NIMWISIYOSE RERO AKENSHI ABAKOBWA NIBO BATUMA HABIZONGORANE BOKWIRINDA GUKUNDA ABAHUNGU BENSHI UWO YISHE MUGENZIWE NAWE BAMUHANE KUCAHA YAKOZE.NTAKUNDI

  • Sha birateye agahinda.kubakundana,nibakunde mugabo bame bibuka yuko urukundo rumeze nk’amenyo y’umusumeno.ndahanura n’abo bigeme,bareke kuza baravanga abahungu,nimba yokunda yiyubare guharika.

  • Sha birateye agahinda.kubakundana,nibakunde mugabo bame bibuka yuko urukundo rumeze nk’amenyo y’umusumeno.ndahanura n’abo bigeme,bareke kuza baravanga abahungu,nimba yokunda yiyubare guharika.

  • birababaj cyane mama wuw mwana yokwihanga cyane kuko vyama vyabaye hose

  • Inkuru turayumvise, nije ngaho, merci!
    twiyumvire rero:
    1 .muri merika abanyeshure bakiri bato, kwica barabizi, kandi babanza kwifotora bashinyirije.
    2 .baricana bapfa inkumi batariga amashure
    3 .abanyamerika bubaka kakuze, nukuvuga bahejeje amashure yisumbuye na kaminuza. ariko bubakana n’abo basangiye ibitsina.
    4=1 2 3=twovuga rero ko
    5.abanyamerika bavuka bazi kwica urw’agashinyaguro
    6.abanyamerika bavuka bakunda inkumi
    7.abanyamerika bahuza ibitsina n’abo babisangiye bahejeje amashure
    8=6 7=abanyamerika bigira guhuza ibitsina n’abo babisangiye mw’ishure
    9=5 8=abanyamerika bavuka ari abicanyi bakiga guhuza ibitsina n’abo babisangiye
    10=abanyamerika ni abicanyi kavukire, indero y’abanyamerika ni uguhuza ibitsina n’abo babisangiye.
    11:biragahera iwabo!
    12: ptfhyu!

  • IL NE FAUT JAMAIS TUER CREATEUR SUITE A UNE FILLE CAR,ON PEUT LA COURTISER ET ON VERRA L’AUTRE,J’AI AIME 3FILLES,LA1ERE ETAIT JOLIE,LA 2EME,BELLE ET LA3EME ETAIT GENTILLE,MALHEUREUSEMENT TOUTES M,ONT ABANDONNE.DE CA,AIMEZ-VOUS CAR LE TEMPS EST PROCHE,

  • Erega nimutahure isi yashaje nukuri kubasenga mumenyeko yesu agire aze burya iyi misi turimwo nigihe cokwihana kandi amerik ntibitangaje kuko abeshi ntibemera imana ariko amaraso yumuntu arahuma nibamucire urubanza ahanwe hisuzwe amategeko agenga ico gihugu?

  • Abo Bobo Mamawanje Bracafise Umwanya Winkumi Tweho Uronse Uwumugukurako Ushimirimana

  • BIRABABAJE HVYABO BOBASORE NTAHO UGUFUHA KUTARI MUGA UMUNTU ARIHANGANA NANJE UBWANJE NDAFUHA ME NDABANZANKARABA NEZA LUCAS YAZIZE UBUSA KANDI HARAHO NUWO MUKOBWA YARI KUMWANKIRA AKAMUBWIZA UKURI KO AKUNZWE ARIJEWE NOCANDAMUHEBA KUKO NANJE YOZONYICA TUBANYE MURAKOZE.

  • baraze hino tubaheko dufise benshi kandi beza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.