Accueil > Amakuru > Ubutungane > Uwa kabiri w’urwatsi rubisi ugiye kubandanya
Uwa kabiri w’urwatsi rubisi ugiye kubandanya
mardi 24 Ruhuhuma 2015
Amashirahamwe y’abamenyeshamakuru yifatanije n’ayataho yegamiye mu vya poritike, amenyesha ko agiye kubandanya uwa kabiri w’urwatsi rubisi, mpaka abishe ababikira batatu bamenyekanye.
Ayo mashirahamwe ariyo ABR, UBJ, Ikigo c’abamenyeshamakuru, OPB, OLUCOME, FORSC, FOCODE, COSOME, APRODH, ACAT-Burundi, PARCEM na Ligue ITEKA, akaba arahira akarengwa ko atazigera arera amaboko, abagandaguye ababikira batatu b’abatariyanokazi aribo Olga, Bernadetta na Lucia batamenyekanye, kandi bakubitwe inkoni mu gahanga.

Mu kiganiro ayo mashirahamwe yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa 24 Ruhuhuma 2015, akaba yavuze ko n’aho Bob Rugurika umuyobozi wa RPA Ijwi ry’abanyagihugu yarekuwe, ayo mashirahamwe azobandanya asaba ko ukuri kubagandaguye abo babikira bishwe urw’agashinyaguro muri komine ya Kamenge, co kimwe n’ukuri kw’ipfungwa rya Claude Christian Butoyi bivugwa ko afise ubumuga bwo mu mutwe, ubu ari mw’ibohero rikuru rya Mpimba yagirizwa kwica ababikira batatu.
Ayo mashirahamwe akavuga ko atohagarika uwa kabiri w’urwatsi rubisi, na rirya yaba Bob Rugurika canke Pierre Claver Mbonimpa, bose badafise uruhusha rwo kurenga igisagara ca Bujumbura inyuma y’aho basohokeye amabohero, n’ivyo bashikirije bikaba bitigeze bikorerwako, kugira Reta itange umuco kuvyo bavuze.


Aristide Nizigire
Messages
24 Ruhuhuma 2015, 14:36, par SAVIMBI
AHUBWO IYO MUGENDA GUSA ATAMPUZU MWAMBAYE; MUGACA MUJA MURI RUDIPE BAKABASIGA IRANGI RYICATSI KIBISI; NIHOTWESE TWOBONYE KO MWASHEGESHWE. MWAMBARE IVYATSI BIBISI ARIKO NTIMUZE MUSUBIRE MUHIRAHIRE NGO MUGIYE MUMYIYEREKANO;JEWE UBWANJE NZONCA MENYA ICONKORA NIMBA SAIDI VYAMUNANIYE!!!!!!!!!! TWABAHAYE UMUTWE NONE MUSHAKA KURYANA NAMATWI NONONONOOOOOOOOO
24 Ruhuhuma 2015, 14:48, par ndiko jonas
savimbi uvyanke canlke ubikunde ivyanyu bizobatekurukana hiiiiiii
24 Ruhuhuma 2015, 15:23, par nzobandora
@savimbi : iryo tera bwoba!!! mercredi na jeudi warihe???? Nyishura! oya hewe geza aho, umeze nk"’inguha iguma iri ku nka inunuza amaraso nayo yapfuye kera"!!!! ha ha ha...... !!!!!
24 Ruhuhuma 2015, 15:26, par Vincent
Savimbi ngo ni Wily Nyamitwe niko twasanze yiyita muga ayo mazuru tuzoyahekenya sha ivya kadege vyaragusize ibi vyo turikumwe nawe ntamisi nguhaye ubwire nabandi musangiye uruganba rubi ivyanyu vyarangiye abanbuzi abanyamacakubiri......abicanyiii eka amabi yoseeeeee abakoraniyeko Imana yaravumye CNDD kweriiiiiiiii ok turarindiriye mutwiruke inyuma ni botine zitoboke siko mwavuze!!!
24 Ruhuhuma 2015, 15:49, par muyaga
BaKomera abarundi turi inyuma yanyu nukuri muragahoraho ntimyumve izo mburakimazi twebwe abarundi dushaka kumenya ukuri Ã…bo bavuga,nkabashebuja iyo batamutse bavuga ijambo bagira itera bwoba ubu abarundi twarashishwe nakagaye kabategetsi buburundi batubaha abanyagihugu nivyiyumviro vyabo ubu harageze ko umuntu yimbura ivyo yabivye naho vyogenda gute baravaho kandi amashirahamwe nakomeze kugaragaza amabi yose akorerwa abanyagihugu nukuri nico gituma Imana ikomeza kubishura muvyo muyisaba akarorero yarabiyeretse kuri Mbonimpa yongera yishirahejuru kuri Rugurika nimukomere abarundi turinyuma yanyu
24 Ruhuhuma 2015, 18:04, par MATANA
Savimbi alias nyamitwe
24 Ruhuhuma 2015, 20:04, par james
Muriko’murondera’amata’kumatakoyigihori
Magy’wewe’ntacazohomba’harumwanawiwe azojanwa’mumpimba’cankang’ahasige’ubuzima.
Yabuzimpfuvyi’ajanamuri’maison’chaloom’akeneyintambarakugirabazungu’
Bazane’imfashanyo’mama’chaloom’uritinda’Agnes’billy azoguhumira
Ukuri’kuzomenyekana.
24 Ruhuhuma 2015, 23:00, par Evode
Aba bantu ubona boteza imbere igihugu gute mu gihe ataco bahereza amaboko. Mbega kuzindukira mw’ibarabara uba uriko ufasha iki mw’iterambere ry’igihugu?
25 Ruhuhuma 2015, 09:13, par imvugakuri
@james : ni waba uri umurundi, nako data ngo "umwenegihugu" ico uri cose ba ugerageza kwandika Ikirundi nk’uko bitegerezwa. Hanyuma, uze urandika ivyo uzi neza, ufitiye ivyemezo. Ubwambere bwo si Anges Billy ni Agnes DURY. Uwamwishe nawe uramuronderera mu ba dd batwara intara ya Ruyigi ico gihe, ureke kuravuta. Maggy mwebwe aba dd mumuhora ko avugisha ukuri, ntaco azoba Imana iramubona. Bitebe bitebuke abafaransa bo ntibaheranwa, uwamwishe azoteba amuruke amoya sinkubesha, aho bukera ABARUNDI BARABASEZERERA MUVE KURI IKI GIHUGU MWONONYE !!!
25 Ruhuhuma 2015, 09:33, par peter
ukuri kubishe barya babikira ntawutagomba kukumenya kiretse aba DD bamwebamwe babigizemwo uruhara arinabo bafata ingingo zikomeye .
ndasavye umuntu wese yanka akarenganyo,yanka GUKORA AMARASO YUMUNTU,yanka UBUNYONYEZI;AGOMBA UKURI KOSE.YIYAMIRIZE AMABI AKORERWA MUBURUNDI.
25 Ruhuhuma 2015, 09:33, par peter
ukuri kubishe barya babikira ntawutagomba kukumenya kiretse aba DD bamwebamwe babigizemwo uruhara arinabo bafata ingingo zikomeye .
ndasavye umuntu wese yanka akarenganyo,yanka GUKORA AMARASO YUMUNTU,yanka UBUNYONYEZI;AGOMBA UKURI KOSE.YIYAMIRIZE AMABI AKORERWA MUBURUNDI.
25 Ruhuhuma 2015, 09:33, par peter
ukuri kubishe barya babikira ntawutagomba kukumenya kiretse aba DD bamwebamwe babigizemwo uruhara arinabo bafata ingingo zikomeye .
ndasavye umuntu wese yanka akarenganyo,yanka GUKORA AMARASO YUMUNTU,yanka UBUNYONYEZI;AGOMBA UKURI KOSE.YIYAMIRIZE AMABI AKORERWA MUBURUNDI.
25 Ruhuhuma 2015, 12:28, par ZUZU
ivyo ..fa mbe?ERENESTE MANIRUMVA yapfuye mu tagangaraye ngaho ko mutasemereye
25 Ruhuhuma 2015, 17:53, par Nuwera
Haraho mperutse kwandika ndabereka icobafasha kumenyako amwemumashirahamwe avugako adaharanira ivyicaro muri leta afise imigambwe akorera canke abashakako inyungu ziyomigambwe zoterimbe. Rekanubundi ndabibemeze mukubereka akandikarorero, murirusangi kuwufisakanya kwigaragavya sikintukibi nacanecane iyo utabufise ikindikintu cihetse inyuma. Ariko nagombakubabaza ibibimueikira?: NINDEMURUNDI YANEZEREJWE NIYICWA RYABARYABABIKIRA? NINDEMURUNDI YANEZEREJWE NIYICWA RYA MUGANGA KASEMALA? NINDEMURUNDI YANEZEREJWE NIYICWA RYAMANIRUMVA? NINDEMURUNDI YANEZEREJWE NIYICWA RYA NDADAYE NABOBAKORANA NABANDIBARUNDI ISINZI BISHWE MWICOGIHE? NINDEMURUNDI YAREZEREJWE NIYICWA RYABICWE MURI NTEGA NAMARANGA? NINDEMURUNDI YANEZEREJWE NABARUNDI ISINZI BISHWE MUZAMIRONGO 72? NINDEMURUNDI YANEZEREJWE NIYICWA RYUMUGABO ATARUMUVANI LOUIS RWAGASORE? Ivyovyose igituna ndabivuze nashatse kwerekanako iyaba ababirirwa mumabarabara bababarateguye imyigaragavyo yokugira abakoze ayomabiyosenavuze bashirwe imbere yubutungane, arikontavyobashobora gukora kuko ayamazhirahamwenavuze aharanira inyunguzimigambwe asanga inyungu zimigambwe basanzwe bafasha atazirimwo.
26 Ruhuhuma 2015, 19:25, par mahoro
Imburakimazi zihamagarira abenegihugu kugumuka!ababishinga ntibambaze kuko atanumwe azosanga bamuhaye ibiharage!abo ngo nibo botezimbereigihugu bigisha ubunebwe.mbe Pacifique uzoba uhagaze he ngo nzohagusange twiyamirize hamwe.!!!mon oeil
27 Ruhuhuma 2015, 08:02, par muyaga
karaciye ingani abantu bamere nkimpumyi kandi babona ninde muri iki gihugu atabona akarenganyo nisahura ry’amatunga yigihugu ririko riraba ariko twiyumvira iyintambwe ya demokarasi tugezeko ntuna ko turiko dufata umurongo ga yemwe?
ubu abarundi twese dusigaye twankira ikintu hamwe turikumwe mumoko yose none sivyiza ivyo?tubicisha hehe simuri ayo mashirahamwe nyene yemanga agahangana nabo bambuzi
mbega abantu bihaye kurenga amategeko yigihugu wibaza iyataba ayo mashirahamwe asemerera hari umurundi yobaakivuga ubu abo bategetsi ubu baratunze kandi mumwanya muto bajaho bibagira twebwe abanyagihugu twabaguye inyuma twabahishije bariko baronderwa,twabahaye impfungurwa bashonje,twapfunzwe nubutegetsi bwahitiye kubera bo,none ubu karaciyeingani ngo batwereke ko batubabaye batwigisha amacakubiri mbe muriyo mwaka cenda yose ko batigeze batubwira ivyubwoko bijanye namashirahamwe yigenga?ubu ko hasigaye amezi atatu harageze ko mutubwira ko aamacakubirju ariho muashirahamwe?
tuzotya ivyo twahorako nimiteshwe mute
2 Ntwarante 2015, 15:52, par ntusamare turababona
Ariko Mana abarundi Wodufasha, ese ko muhenda abanyagihugu nkuko batabona icobafata nico boreka!! ehe rero nimba mushaka kumenya ukuri koko nivyiza ariko abarundi ivyobarindiriyemwo kumenya ukuri n’ivyinshi ariko ntimwobanza gusaba ukuri kurupfu gwa Ndadaye M na Ntadyamira? ntimwoba mweretse abarundi ko mubanza gukunda abarundi n’ubundi aho kubanza umunyamahanga? aho ntagahaze mwumvamwo?