IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Uwagirizwa ko yafashije Alexis Sinduhije gutoroka yasohotse ibohero rya (...)

Uwagirizwa ko yafashije Alexis Sinduhije gutoroka yasohotse ibohero rya Mpimba

jeudi 13 Ntwarante 2014

Christian Matuturu yari yafashwe yagirizwa ko ariwe yafashije Alexis Sinduhije gutoroka, yarasohotse ibohero rikuru rya Mpimba, ku mugoroba wo ku munsi w’ejo kuwa gatatu. Yari apfunganywe, kuva ku munsi w’Imana, n’urundi rwaruka 70 rwafatiwe ku ngoro y’umugambwe MSD mu Kinindo.

Abo bafashwe bose uko ari 71 bagirizwa icaka kimwe c’imigumuko yari irongowe na Alexis Sinduhije, umukuru w’umugambwe MSD, kiretse uwo Christian Matuturu yari yisangije icaha, aho yagirizwa ko yoba ariwe yafashije Alexis Sinduhije gutoroka. Kuri ivyo yagirizwa, bavuga ko Alexis Sinduhije, umukuru w’umugambwe MSD, yoba yaciye muryahumye igiporisi aciye mu rugo rwa Christian Matuturu, inyuma y’imigimuko yahuje urwaruka rw’umugambwe MSD n’abaporisi, ku ngoro y’uwo mugambwe mu Kinindo. Mw’ishirahamwe APRODH (Association Burundaise pour la Protection des Droits Humains et des Personnes Détenues) bagumye bashikiriza ko ivyo Christian Matuturu yagirizwa bitagira ishingiro. Ingingo yo kurekura Christian Matuturu yasohotse ku munsi w’ejo, baca bamurekura ku mugoroba, asohoka ibohero rikuru rya Mpimba yari amazemwo iminsi ine.

JPEG - 46.7 ko
Christian Matuturu yagirizwa ko ariwe yafashije Alexis Sinduhije guhunga ava mu ngoro y’umugambwe MSD mu Kinindo

N’aho kuva ku munsi wa gatandatu atawuramenya irengero rya Alexis Sinduhije, sentare ntahinyuzwa yaramaze gusohora umutahe mpuzamakungu wo kumuhagarika aho bamufatiye hose. Amakuru yo kwizerwa ahari, n’uko imbibe z’igihugu zose zicunzwe bimwe bikomeye, kuko hari inkuru zivuga ko Alexis Sinduhije na bamwe mu banywanyi ba MSD boba bariko bategura guhunga igihugu. Ayo makuru dufise amenyesha ko mu ntara zo ku mbibe z’igihugu, abajejwe umutekano barikanuye kugira ntahave abaca muryahumye agasohoka igihugu.


Egide Nduwimana

Messages

  • ndabona kuri umututsi ndavye iryo zuzru .nizere kutanka no1 kubera ari umuhutu ahubwo umuhora katwara.si non nta ntambwe woduterana

  • Pole sana wamugwayi w’amacakubiri ngo ni David!!Ubona ibibazo dufise iBurundi bifatiye kubwoko?????Warabunzwe pe

  • Nama mvuga ko aba dd ata bwenge bagira. Umuntu mumutwara mu mpmba ataragira icaha. Quelle idiotie. MPAWE david, iciyumviro cawe carataye igihe. JE SUIS DESOLE

  • david nimba koko hagwiriye bensh mugihugu nkamwe impimba ikwiye kwagurwa.kuko imisi iraharuye uwabahenze kwiki gihugu aricaba hutu yabagiriye nabi.

  • Nivyiza kurekura christian , ariko ndabifurije kubandanya baraba nabandi boba bazira ubusa canke kutamenya kuko muburundi haribituma vyinshi abarundi boja mwibarabara . Aho sinohateba kuko ntamurundi atabizi kandi sivyubu nikuva kera ikibabaje nuko uwo wese aje nwagire abigwanye acakore ibibi birengeye . BANA b, uburundi ni ncuti zuburundi nagire mbakebure mwoye gutanako amacakubiri y, ubwoko kuko abarundi sico bapfa ico mupfa murakizi nubukene butegwa nabokijije igihugu . Ndabingize rero kubikira fatana munda tuvire hasi rimwe tuvyiyamirize uwupfa apfe uwuzosigara azobeho. Murakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.