IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Uwakabiri w’icatsi kibisi wahuriranye n’irenguka ry’umumenyeshamakuru

Uwakabiri w’icatsi kibisi wahuriranye n’irenguka ry’umumenyeshamakuru

mardi 21 Ndamukiza 2015

Umunsi witiriwere icatsi kibisi, wahuriranye n’inguka ry’umumenyeshamakuru wa RPA mu ntara ya Muyinga, Alexis Nimubona.

Alexis Nimubona akorera RPA mu ntara ya Muyinga

Uwo munsi wo gusaba ukuri ku bwicanyi bwakorewe ababikira batatu b’abatariyanokazi Olga, Lucia na Bernadette, ukaba kandi ari akaryo ko gusaba ko Bob Rugurika na Petero Karaveri Mbonimpa, borekurwa, uburenganzira bwo kubuzwa kuja aho bipfuza bagasubira kuburonswa. Uwu wa kabiri rero w’urwatsi rubisi usanzwe wahuriranye n’iryo renguka rya Alexis Nimubona, bagenzi bacu ba RPA bakatumenyesha ko yarengutse, ku mutahe w’umushikirizamanza wa Repuburika muri iyo ntara, umutahe wari wanditseko ko, ari ku mvo z’amatohoza.

Alexis Nimubona we ariko, akaba yari yabariye ikinyamakuru IGIHE. bi, ko ariko azira umwuga wo kumenyesha amakuru, na cane cane ku makuru yatanze, yavuga ku mpapuro zitagira imikono zakwiragijwe mu ntara ya Muyinga.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.