IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Uwundi mumenyeshamakuru yatumweko n’ubutungane

Uwundi mumenyeshamakuru yatumweko n’ubutungane

mercredi 12 Ruheshi 2013

Umumenyeshamakuru akorera « Isanganiro » mu ntara ya Bujumbura Rural yarasubiriye kurenguka irigira kabiri imbere y’intahe muri komine Kabezi.
Uwo mumenyeshamakuru yitwariwe n’umukuru w’imbonerakure amyagiriza ko yashikirije ku genekerezo rya 8 Ruheshi 2013 inkuru ihungabanya umutekano wiwe, muri zone Mubone, aho imbonerakure zo muri ako karere zimaze imisi zidogerwa ko zitigenza neza.

Raphaël Gahungu, aburanira radiyo « Isanganiro » amenyesha iyo mitahe iguma irungikirwa abamenyeshamakuru ari intango yarya tegeko rigenga umwuga wo kumenyesha amakuru riheruka guterwako igikumu n’umukuru w’igihugu, rikaba gushika n’ubu rikiriko riratera impari, aho abatari bake bariko bararyiyamiriza kuko bamenyesha ko rije kwaka ubwigenge abanyagihugu n’abamenyeshamakuru bwo gushikiriza ivyiyumviro vyabo.

Twobamenyesha ko n’umumenyeshamakuru Evariste Nzikobanyanka akorera nawe nyene radiyo « Isanganiro » mu ntara ya Makamba azokwitaba ubutungane ku musi w’ejo igenekerezo rya 13 Ruheshi 2013 ku mutahe yarungikiwe na sentare ya Makamba. Naho icaha yagirizwa kitaramenyekana, amakuru ava hirya no hino kandi yemezwa na Evariste Nzikobanyanka amenyesha ko yoba yagirizwa inkuru yatanze ku giturire coba caratanzwe n’umwe mu miryango yari yituye umurwi CNTB utatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo mu ntara ya Makamba.

Mu runani rw’abamenyeshamakuru mu Burundi bashikirije ko bafise amakenga kuri iyo mitahe y’urutavanavanako iriko irungikirwa abamenyeshamakuru mu Burundi, inyuma y’imisi mike cane itegeko rigiye kubagenga ryemejwe na kizigenza umukuru w’igihugu c’Uburundi.


Egide Nduwimana

Messages

  • Nimureke tuzetwumve mukwiyamamaza ico C.N.DD izotubwira kandi baratwats’ijambo.nibibi uyumwanya kandi nivyiza,mugihekiza.

  • jewe nukr numva umengo muburundi ntakwigenga ku mumenyesha amakuru kuhari none karikokazi abamenyesha makuru bajejwe reta ibinjirira mukazi gute?aho hoho ndumva buzoguma butwengwa namakungu aba SWAHILI ngo; kimoja kinatoka na kingine kika ingia kwitariki 1/07/03 nuki ndumva koabamenyesha makuru na bigisha bo kwerekana akababaro bamaranye imisi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.