Uwutwara umugambwe APDR apfungiwe mu gasho k’igendereza

Yanditswe na IGIHE
Kuya 24 avril 2016 saa 09:52
Yasomwe : 27252
0 0

Aimable Bakundukize, umukuru w’umugambwe APDR yafashwe ku munsi wa gatanu, apfungiwe mu gasho k’ibiro bikuru vy’igendereza mu gisagara ca Bujumbura. Umuryango wiwe hamwe n’abo basangiye umugambwe ntibabwiwe ico yafatiwe, gushika kuri uwu w’Imana bakaba kandi batarashobora kubonana nawe.
Aimable Bakundukize arongoye umugambwe APDR (Alliance pour la Paix, la Démocratie et la Réconciliation) yafashwe kuri uwu wa gatanu, imbere y’ahakorera ibiro bikuru vy’umukuru w’igihugu. Uwo yahagaritswe yari (...)

Aimable Bakundukize, umukuru w’umugambwe APDR yafashwe ku munsi wa gatanu, apfungiwe mu gasho k’ibiro bikuru vy’igendereza mu gisagara ca Bujumbura. Umuryango wiwe hamwe n’abo basangiye umugambwe ntibabwiwe ico yafatiwe, gushika kuri uwu w’Imana bakaba kandi batarashobora kubonana nawe.

Aimable Bakundukize arongoye umugambwe APDR (Alliance pour la Paix, la Démocratie et la Réconciliation) yafashwe kuri uwu wa gatanu, imbere y’ahakorera ibiro bikuru vy’umukuru w’igihugu. Uwo yahagaritswe yari yitavye isango yahawe n’icegera c’umuyobozi mwishikira mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu.

Mu gihe yari arindiriye ko ahabwa « murekarengane » (Laisser- passer), kugira yinjire ahakorera icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, kw’isango (Rendez-vous) yari yahawe na Abel Gashatsi, icegera c’umuyobozi mwishikira mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, umukuru w’umugambwe APDR yahagaritswe n’abantu babiri, umuporisi umwe, hamwe n’uwundi muntu yambaye impuzu zisanzwe (Tenue civile).

Aimable Bakundukize, umukuru w’umugambwe APDR (Alliance pour la Paix, la Démocratie et la Réconciliation) yaheruka gushikiriza ko yaneguye ijambo ryashikirijwe na Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, akaba mbere muri iryo tangazo yamusavye gusokora ivyo yashikirije.

Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu aheruka gusaba abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi hamwe n’abaserukira amashirahamwe mpuzamakungu yahagaritse imfashanyo zahora zihabwa Uburundi, ko bosubira iwabo, icegere ca mbere c’umukuru w’igihugu, Gaston Sindimwo akaba yababwiye ko botaha iwabo canke bagasaba uruhusha rw’ukuba mu Burundi nk’ingenzi (Tourisme).


Kumenyekanisha

1
buhanza 2-05-2016 à 14:27

akarenganyokaramye !

2
rukundo 1er-05-2016 à 07:35

Uwowe agomba kuzira iki ? kubera iki mutabwira abanyamuryango wiwe nabobahuriye mumurongo umwe ngobamenye ico azize ?

3
jon 24-04-2016 à 20:47

nibamureke ntibamurenganye

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha