IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Yaciriwe umunyororo azira gushurashuza impene

Yaciriwe umunyororo azira gushurashuza impene

lundi 8 Mukakaro 2013

Inyuma yaho afatiwe ariko ashurashuza impene, Franscis Makonda umugabo avuka mu gihugu ca Kenya yavuzweko vyinshi n’ibinyamakuru bitandukanye vyo muri ico gihugu, yaciriwe umunyororo w’imyaka indwi.

Francis Makonda yaremeye icaha imbere ya Sentare, maze aca ahanishwa umunyororo. Avuga ko ivyo yabikoze abitumwe n’ingene abagore bamuhemukira kenshi, aca afata ingingo yo kuza aritura ibikoko, na cane cane impene.
Francis Makonda yari yafashwe kw’igenekerezo rya 30 Ruheshi 2013, aho yari atunye ku mugongo w’impene ariko ayifata ku nguvu, mu karere ka Haruna - Naivasha muri Kenya.

Naho asanzwe afise umugore, uyo mugabo yabariye ibinyamakuru ko ko atacizere agifitiye abagore, ubu akaba yari yafashe ingingo yo kuza ararangura amabanga mpuzabitsina n’ibitungwa. Biravurwa kandi ko Atari irya mbere ashurashuje ibitungwa, ahubwo ko yari yarabigize akamenyero.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.