Ubutungane bw’i Washington bwarekuye umuririmvyi Chris Brown yari amaze iminsi 108 ari mu munyororo. Yapfunzwe yagirizwa kuba yakubise uwucunga inzu y’ingenzi, vyiyongereye ku caha co gukubagura Rihanna yahora ari umukunzi wiwe.
Chris Brown yarekuwe inyuma y’iminsi 108 yari amaze mu munyororo aho yagirizwa gusinzikaza ubuzima bw’uwurarira inzu y’ingenzi y’i Washington. Naho yarekuwe, Chris Brown arafise urundi rubanza aho yagirizwa gusinzikaza ubuzima bwa Rihanna mu mwaka w’2009 igihe bakundana, (...)
Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Chris Brown
Chris Brown
-
Chris Brown yasohotse ibohero ku mpamvu zitaramenyekana
2 Ruheshi 2014 -
Chris Brown ashobora gupfungwa imyaka 4
8 Rusama 2014Chris Brown yasubiriye kurenguka imbere y’ubutungane, yagirizwa kuba yarakubaguye umusore w’imyaka 20 mu mpera z’umwaka w’2013. Iryo kosa ryiyongera kugukwirikiranwa ku caha co gukubagura uwahoze ari umukunzi wiwe Rihanna mu mwaka w’2009.
Chris Brown n’uwumucungera ubuzima Christopher Hollosy bararengutse imbere y’ubutungane. Uwo muririmvyi yari amaze indwi 8 ari mu gasho, inyuma yo kwumvirizwa ntibasubiye inyuma baciye binjizwa mw’ibohero aho bagirizwa kuba bakubaguye umusore w’imyaka 20 mu mpera (...) -
Rihanna na Drake bakuye urusaku ku musozi, bemejeko bakundana
21 Ntwarante 2014Rihanna na Drake bari mu rukundo, ivyari bimaze iminsi bivugwa nk’inkuru vyagiye ahabona. Rihanna yahoze ari soma mbike na Chris Brown ubu ari mu gasho kubera inyifato mbi ziwe, yibereye mu maboko ya Drake.
Inyuma y’aho ibinyamakuru bitandukanye vyo ku mugabane w’i Buraya vyaguma bitangaza ko umuririmvyi Drake na Rihanna bari mu rukundo abo nabo bakabihakana, bahavuye bemezako bakundana. Amakuru ava mu kinymakuru TMZ avugako abo baririmvyi(Rihanna na Drake) bari mu rukundo naho bari banse (...) -
Chris Brown yinjiye mw’ibohero
15 Ntwarante 2014Chris Brown yarafashwe ku munsi w’ejo kuwa gatanu, atabwa mw’ibohero kuko yarenze ku mategeko ngenderwako yari yahawe inyuma yo kuvanwa mu kigo gifasha kugabanya ibiyayura mutwe vyamusinzikaje mu mutwe, bikamutuma yama mu bihano vy’ubutungane.
Umuririmvyi Chris Brown amaze igihe kitari gito atorohewe. Vyatanguye kuva mu mwaka w’2009, aho yatangura kuza arahohotera ubuzima bw’uwari umukunzi wiwe Rihanna, mu kumukubita, no kumuturubika bidasanzwe gushika naho ateba akiyomora. Ico gihe yaciye (...) -
Ukwigenza nk’inyamaswa kwa Chris Brown kwatumye amenyekana nabi
22 Munyonyo 2013Inyuma y’umunsi umwe umuririvmyi Chris Brown ategetswe n’umucamanza gusuzumwa kugira barabe nimba atanywa ibiyovyabwenge bikamutera kugira ishavu ryinshi, aho akubita abantu, uwo muririmvyi yasavye ko yokwemerererwa akaza arinywera ikiyovyabwenge ca marijuana kugira kimufashe kugabanya ishavu n’amanyama.
Nk’uko amakuru dukesha Radaronline abivuga, uyo musore w’imyaka 24 ntagishaka kubandanya afata imiti imufasha gutekereza, ishavu n’amanyama bigabanuke, nk’uko yari yategetswe kuyifata. Ahubwo (...) -
Chris Brown yategetswe kumara iminsi 90 yo kwivuza ibiyayuramutwe
21 Munyonyo 2013Ku mugoroba w’uyu wa gatatu igenekerezo rya 20/11/2013, Umucamanza yategetse Chris Brown, umuririmvyi w’indirimbo zo mu mudiho wa Rap, kumara iminsi 90 akwirikiranwa n’abaganga bavura abanyoye ibiyayura mutwe vyinshi, kandi barabe n’igituma afise ishavu ryinshi.
Ivyo bibaye mu gihe yaheruka mu kigo nk’ico, n’ubu asubiyeyo. Uwo musore w’imyaka 24, yari yagirijwe gukubagura uwo babana Rihanna, hari mu mwaka wa 2009, ico gihe yaciye akatirwa igihano co gukora ibikorwa vy’akamaro kuri bose (travaux (...) -
Chris Brown yemeza ko muri iyi minsi atekereje
7 Gitugutu 2013Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru The Gardian, umuririmvyi Chris Brown yagarutse ku migenderanire yiwe n’umuririmvyi Rihanna mu mwaka w’2009, imishamirano y’iwe na Drake ndetse no kubijanye n’urukundo kuri we.
Ku bijanye n’urukundo, Chris Brown avuga ko yatanguye kugira umukobwa bakundana afise imyaka umunani, aho ndetse avuga ko muri ico gihe yakundana n’umwigeme w’imyaka icumi n’itanu, ndetse bakaba baranaranguranye amabanga mpuzabitsina, muri ico gihe atatinya namba, naho bamwe vyobatangaza ko (...) -
Chris Brown aricuza ku makosa yakoreye Rihanna
28 Ntwarante 2013"Amakosa yose ni ayanje." , ukwo nikwo umuririmvyi Chris Brown yisiguye bamwibukije umusi akubita umukunzi wiwe Rihanna, haheze imyaka itatu. Kubw’uwo muririmvyi, ako ni akahise kuko ubu yivugira ko ari umushingantahe abushitse.
Mu kiganiro yagiranye na Ryan Seacrest biciye ku nsamirizi Kiis-FM, Chris Brown yaragarutse ku sanganya ryo kuri urya mugoroba muri Ndamukiza 2009. Chris Brown yemera ko yatwawe n’ishavu vyatumye atana mu mitwe na Rihanna. Bukeye bw’aho, urukundo rwabo rwarahagaze, (...)