Umuririmvyikazi Alida Baranyizigiye inyuma yo kwakira agakiza mu guhindura cane cane ubutumwa n’intumbero y’indirimbo ziwe, ubu naho yatangaje ko ari mu rukundo rwuzuye.
Haraheze iminsi Alida ashira ahabona amafoto ari kumwe n’umugabo, haba bari kumwe mu muduga canke mu birori, uwo mugabo nyene baranaririmbanye ururirimo bise "Amashimwe". Jimmy James niwe ari mu rukundo na Alida nk’uko biboneka ku rubuga rwa facebook aho Alida ubwiwe yemeza ko bariko barareshanya.
Alida yatangaje ko ariko (...)
Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Alida Baranyizigiye > Inkuru
Inkuru
-
Umuririmvyikazi Alida yemanze ko ari mu rukundo
4 Ruhuhuma 2015 -
Kuki Alida BARANYIZIGIYE yoba yafashe ingingo yo kuririmbira Imana gusa
4 Kigarama 2014Umuririmvyikazi Alida Baranyizigiye bivugwa ko yahinduye intumbero yo gukora umuziki wiwe. Alida yoba yafashe ingingo yo kutazosubira kuririmba indirimbo zifise ubutumwa butandukanye (profane).
Alida yafashe ingingo yo gutangura kuririmbira Imana, ubutumwa bwose agiye gutanga mu ndirimbo ziwe buzoba bwerekeye amajambo y’Imana gusa. Indirimbo zifise ubutumwa butandukanye nko kuryoherwa n’ivyisi haba mu rukundo canke gutamba ibi canke biriya, nta kibanza mu vyiyumviro vya Alida.
Naho uwo (...) -
Alida Baranyizigiye aje yazikenyeye
10 Gitugutu 2014Umuririmvyikazi Alida Baranyizigiye yururutse indege aje kw’isango rw’igiteramo kidasanzwe amaze iminsi yitegurira.
Alida ntacererwa kw’isango, mu gitondo c’uyu wa gatanu w’igenekerezo rya 10 Gitugugu, Alida yururutse indege ava mu gihugu c’Urwanda aho asanzwe arangurira imirimo yiwe. Aje mu Burundi mu giteramo kidasanzwe afashanya n’umurwi "Moutcho". Mu bibazo vy’abamenyeshamakuru, yabajijwe igituma atabonetse mu giteramo ca Sat b kandi yari ku rutonde, nawe yishura ko bamushize ku rutonde (...) -
Alida aravuga ivyo afatirako mu kwemeza ko igiteramo ciwe kidasanzwe
1er Gitugutu 2014Umuririmvyikazi Alida Baranyizigiye ariko ategura igiteramo ca mbere c’ugutangaza indirimbo nshasha zitari bwasohoke, n’urukurikirane rwa mbere ruzoja ahabona.
Alida aremeza ko ico giteramo kizoba ntibagirwa kuri we no ku bazoba bacitavye kuko citeguriwe bihagije. Ikindi avuga n’uko umurwi Moucho bazofadikanya ico giteramo basanzwe bamenyeranye, aha avuga nka Arnaud Nganji. Akabirya k’igiteramo, n’uko Alida azotekurura agatu gatekeye urukurikirane rwiwe rwa mbere nk’ishikanwa ry’abakunzi biwe. (...)