Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
12 basigaye muri Primusic bariko barakurikirana inyigisho - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > 12 basigaye muri Primusic bariko barakurikirana inyigisho

12 basigaye muri Primusic bariko barakurikirana inyigisho

mardi 27 Myandagaro 2013

Abaririmvyi 12 basigaye mw’ihiganwa rya Primusic bariko barahabwa inyigisho. Izo nyigisho zikaba zerekeye ukiririmba. Izo nyigisho bariko bazihabwa n’umuririmvyikazi w’umunyamerika Denise Gordon.

JPEG - 63.5 ko
Denise Gordon ariko aratanga inyigisho

Abaririmvyi 12 bariko bariko bitegurira igice ca 2 gishira icanyuma c’ihiganwa rya Primusic bariko barakurikirana inyigisho. Izo nyigisho zikaba ziriko zitangwa n’umunyamerikakazi w’umuririmvyi yitwa Denise Gordon yaje ejo hahise. Akaba yaje kubutumire bwa Primusic. Gordon akaba ariko aha abo baririmvyi inyigisho zijanye no kuririmbisha ijwi.

JPEG - 78.6 ko
Bamwe muri 12 bariko barashira mu ngiro inyigisho

Aho abo baririmvyi bakoranirijwe imbere y’igiteramo co kuwa gatandatu uza, hejuru yizo nyigisho, umwe umwe wese , arahabwa iminota 30 kugushira ashire mu ngiro inyigisho baba bahawe n’uwo mu menyereza mu vyerekeye ijwi. Bashira mu ngiro izonyigisho bariko baravugirizwa umuziki n’abacuraranzi. Umuririmvyi wese akaba yiherera kumwe n’abacuraranzi mu gutegura indirimbo azoririmba mu gice ca 2 gishira icanyuma kizoba kuri uyu wa gatandatu itarike 1 Nyakanga i Gitega.

JPEG - 72.4 ko
Abacuraranzi bariko barafasha mu myiteguro

Mu kibanza co ku Mutanga ahariko habera izo nyigisho, Denise Gordon yavuze ati: “’’Ndanezerewe cane kuba ndi hano. Ndakunda cane gufasha abaririmvyi bakiri bato . Ndanezerewe no kugira ico nterereye mu bikorwa vya rino higanwa”. Mwomenya kandiko, igiteramo c’ihiganwa kizoba kuri uyu wa gatandatu kizoba kirimwo Big Fizzo,Sat-b na Rally-Joe.


SENGUREBE Joël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.