Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Double Jay na Franck Duniano bariko bategura amashishiro buca bajana (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Double Jay na Franck Duniano bariko bategura amashishiro buca bajana (...)

Double Jay na Franck Duniano bariko bategura amashishiro buca bajana iwabo.

mardi 21 novembre 2017

Abaririmvyi bariko babica bigacika muri wa mugambi "You’ll Love Changes Voll" wa Ikoh Multiservice bariko bitegura bararangiza imyiteguro yo kurangiza igikorwa bari bamazemwo umwaka.

Umugambi "You’ll Love Changes Vol2" ugiye kurangizwa n’ibiteramo bigiye kuba mu mpera z’uno mwaka. Amakuru ava muri Ikoh aremeza neza ikirangaminsi ibiteramo bizoberako. Muri iyo ntumbero nyene abaririmvyi Double Jay Wakali na Franck Duniano bahisemwo gusubira iwabo.

JPEG - 41.5 ko
Franck Duniano

Franck Nzima Duniano atera akamo incuti abagenzi, ababanyi biwe n’abakunzi b’umuziki ndundi ko bomutegera aho azosangira nabo umunsi mukuru wa Noheli, aho ni kw’igenekerezo rya 25 Kigarama 2017.

Igiteramo c’agakura kizobera mu ntara yiwe ya Makamba ku kibuga c’umupira w’amaguru. Aho niho azobashikiriza igikorwa amaze umwaka ategura. Franck Duniano ati :" Itakuwa nguvu".

Umuririmvyi Double Jay Wakali na wenyene ntiyibagiye ab’iwabo. Eka nawe azokwishikira guteramisha ab’i Gitega kw’igenekerezo rya 23 Kigarama. Vyumvikana ko Franck Duniano azobanza kumufasha imbere y’uko bajana I Makamba. Double Jay nawe ati :" MPa akanya."

JPEG - 36.3 ko
Double Jay

Tubajije muri Ikoh ko abo baririmvyi bazotamba birorera, Haruna atubwira ko hari n’ibindi bihangange vy’abaririmvyi bizofadikanya muri ivyo biteramo, abandanya avuga ko amazina agiye gusohoka vuba.

Ikoriciza Haruna aremeza ko uburambe bafise mu gutegura ibiteramo buzotuma batanga ibiteramo vy’iteka.

Turangize tubibutsa ko igiteramo ca nyuma kizorangiza urwo rukurikirane kizobera mu gisagara ca Bujumbura.


Cherif NKESHIMANA

Messages

  • Mrc Sana Double Jay.Ndagukunda Cn Arik Icogiteramo Ntaconigezenjamwo Kubera Ntabimeny.Mwotubwira Ukunt Mwipanze Kunoel Yuwumwaka Wa2018 ?Turabitez Cn Double Jay Ndagukunda San Tubwir Bishasha Vyuyumwaka Rer Tuzotwitabe Turibesh Vyobavyiza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.