IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Kwidagadura > Abacuraranzi > Gitega : Ubushikiranganji bw’urwaruka bwaraye bukoze ibitamenyerewe

Gitega : Ubushikiranganji bw’urwaruka bwaraye bukoze ibitamenyerewe

Sunday 24 December 2017

Kuva mw’ijoro ry’umunsi wa gatanu igenekerezo rya 22 Kigarama, Double Jay amaze gushika iwabo, ibintu vyaciye bitangura guhinduka. Hirya no hino niwe yavurwa gushika naho hari urwaruka rwanse kuvirira aho yashikiye.

Naho vyari biri uko, irya n’ino mu gisagara ca Gitega humvikana amajwi ava mu muduga ivuga uko igiteramo giteguwe naho kibera(roadshow), hamwe n’impapuro ntangazagiteramo(affiches) zari zimanitse ku vyuma n’ibiti vyose.

Mu masaha y’icumi n’imwe z’umugoroba, inyuma yaho umugwi wa Ikoh uhejeje gutunganya vyose, niho igiteramo catangura. Ku kibuga c’umupira w’amaboko abantu batanguye binjira umw’umwe ariko uko amasaha yagenda niko bagwira. Kanatsinda ngo ab’i Gitega bafise umugenzo wo kwitaba ibiteramo bwije.

Abaryosha igiteramo Michou Miracle na Nsavye, bakurikije urutonde, nta muririrmvyi n’umwe atashitse ku ruhimbi(stage). Akabirya ni Lolilo, Chany Queen, Black G na Fabi love hamwe na Nyamate babiciye bigacika, aho n’imvura yashatse gutoba yahava igaca. Aha ntituvuze ivyakozwe n’ibihangange Double Jay na Franck Duniano.

Amaze gushika ku ruhimbi, Double Jay agasosereza abakunzi biwe zimwe mu ndirimbo zo mu mugambi" U’ll love Changes Vol2" zakunzwe cane, yaciye ashimira ivy’umwihariko Ikoriciza Haruna, umuyobozi wa Ikoh maze amuha n’ijambo.

Haruna mw’ijambo ryiwe, yashimiye ivy’umwihariko uwaserukiye ubushikiranganji bw’urwaruka, ashimira abakuru mu gipolisi baraho, hamwe na Buramatari w’intara ya Gitega nawe yari yitavye ivyo birori. Yaranakeje abahungu [Double na Franck] uko bitwaye mu mwaka wose bari bamaranye bakorana.

Inyuma yiwe, nk’isaha zine zirenga z’ijoro, niho uwaserukiye ubushikiranganji bw’urwaruka yafata ijambo, aho hanini yashimye integuro n’ishirwa mu ngiro z’ico giteramo hamwe n’umwitwarariko w’abategetsi b’intara mu gushigikira urwaruka.

Ijambo ryiwe mu giteramo cabaye ikintu kitamenyerewe cane mu Burundi, cane cane mu gisata c’umuziki aho abaserukira ubushikiranganji bakurikira igiteramo gushika gihere.

Niko rero Double guhamagara Franck Duniano maze bagaterera mu gahogo,bagashika ku nyota y’isinzi ry’abanyagihugu bari babiteze na cane cane umuhungu wabo Double Jay, ari nawe yarangije igiteramo n’ururirimbo "Mpa akanya" rwahavuye ruguma rusamirana irya n’ino mu bunywero bw’i Gitega.


Cherif NKESHIMANA

Forum posts

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.