Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igitabu kirimwo abaririmvyi n’ibikorwa vyabo catanguye kwandikwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Igitabu kirimwo abaririmvyi n’ibikorwa vyabo catanguye kwandikwa

Igitabu kirimwo abaririmvyi n’ibikorwa vyabo catanguye kwandikwa

jeudi 1er février 2018

Ico gikorwa kizorangurwa na Fondation Femi de J’Abat itwarwa n’umuririmvyi Félicien Minani azwi kwizina rya Femi de J’abat, bafadikanije n’Ubushikiranganji bw’inkino n’imicokama biciye mu kigo CEBULAC (Centre Burundais de Lecture et d’Animation Culturel).

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura Freddy MBONIMPA, yamenyesheje ko ico gikorwa kizotuma abaririmvyi baja hamwe bakamenyekana, gutyo bakazonunguka, kuko umuziki uzogira ico ubamariye bakikenura.

Freddy MBONIMPA agasaba ko ico gikorwa coca kiza kirashirwa no ku buhinga ngurukana bumenyi kugirango isi yose imenye aho Uburundi bugeze mu gisata c’ubuhinga bwo kwikora mu gahogo.

Ku ruhande rwiwe, Femi de J’Abat yavuze ko ari umunezero udasanzwe kubona igikorwa cafashe intumbero. Ati :« Kuri jewe ni indoto ihindutse ukuri. Iki gitabu tugiye kwandika haheze imyaka igera kuri 18 ndakirose, none Imana yabikoze, indoto yanje yashitse. »

Femi arongera akavuga ati :« Abana n’abuzukuru bacu bazomenya ko hari ico twamaze, twamariye igihugu.Igitabu" encyclopédie de la musique" kizoba ubushinguro, isanamu y’umuziki n’akaranga ko gucuraranga karanga Umurundi. Nico gituma ata n’umwe azokumirwa kandi yarafise ubumenyi n’uburenganzira bwo kuja mu bandi baririmvyi bafise impano n’ibikorwa. »

JPEG - 96.7 ko
Abari bitavye igikorwa co gutanguza ibikorwa vyo kwandika ’’Encyclopedie de la musique Burundaise’’

Femi avuga kandi ko igikorwa co gutotorokanya abaririmvyi n’ibikorwa vy’abo kizoba mu gihugu cose ndetse no hanze y’igihugu biciye mw’ishirahamwe ry’abaririmvyi b’abarundi barangurira imirimo yabo hanze y’igihugu, UNABUDI (Union des Artistes Burundais de la Diaspora)


BUKURU Pacifique

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.