Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ikoh yavuze aho ihagaze kw’itanga ry’imihoho rya Emery Sun - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Ikoh yavuze aho ihagaze kw’itanga ry’imihoho rya Emery Sun

Ikoh yavuze aho ihagaze kw’itanga ry’imihoho rya Emery Sun

mercredi 22 novembre 2017

Inyuma yaho umuririmvyi Emery Sun atangarije ko ahagaritse gukorana na Ikoh Multiservice mu gisata ca Ikoh Entertainment kirimwo umugambi ’You’ll Love Changes Vol2", ivyo akanabikora yitwaje ikete rimenyesha ko atanze imihoho, muri Ikoh naho bamwishuye.

Mu rwandiko ruhejeje gusohoka ruvuye muri Ikoh rumenyesha ko umuririmvyi Emery Sun atakiri kumwe nabo mu murwi Ikoh ikurikirana, bati :"bakunzi b’umuziki w’Uburundi twagira tubamenyeshe ko Emery Sun ubu yigenga, ntakiri mu murwi tujejwe".

Imbere y’uko muri Ikoh bagira ico bavuze ku gutanga imihoho kwa Emery Sun, IGIHE yari yamubajije igituma avuye mu gikorwa c’umugambi "You’ll Love Changes Vol2" kandi hari hasigaye iminsi mike ngo kirangire, Emery yishuye ati :" Jewe mbona ata kamaro ko kubandanya nabo mu gihe batubahirije ibiri mu masezerano."

JPEG - 38.6 ko
IKORICIZA Haruna, arongoye Ikoh Multiservice

Muri iryo tangazo nyene, Ikoh imenyesha ko ikibazo cari kimaze iminsi kiri hagati yabo n’iradiyo Buja Fm catorewe umuti mu ntumbero yo kubandanya igikorwa basangiye co guteza imbere umwuga n’umuco ndundi hamwe no gufasha umunyamwuga gutungwa n’ivyo akora.

Tubibutse ko ikibazo cari hagati ya Ikoh na Buja Fm cari catewe n’uko iyo nsamirizi yari yakoresheje amazina y’abaririmvyi bari mu mugambi "You’ll Love Changes Vol2" wa Ikoh kandi batabitangiye uruhusha igihe bariko bategura igiteramo Dunda na Buja Fm. Ico gihe na Emery Sun yarakirimwo.

Tubibutse kandi ko Emery Sun avuye muri Ikoh amaze gukora indirimbo zitatu "Ndakurwaye", "Iyo nari kumenya" yakorewe na McMello hamwe na "You’ll Love Changes".

Tubibutse ko umugambi "You’ll Love Changes Vol2" ugiye kurangizwa n’ibiteramo bitatu bizobera mu ntara za Gitega, Makamba na Bujumbura.

Umviriza ururirimbo "Ndakurwaye" rwa Emery Sun yakoreye muri Ikoh Multiservice.


Cherif NKESHIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.