IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > 18 Ndamukiza

18 Ndamukiza

mardi 17 Ndamukiza 2018

Igenekerezo rya 18 Ndamukiza

Ibihe bikurubikuru vyaranze uwa 18 Ndamukiza:

1506: Itangura ryibikorwa vyo kwubaka isengero hamwe n’ikibanza vyitiriwe Umweranda Petero i Roma. Aho hari ku mu Papa Jules II, ariwe yashize ibuye rya mbere ku mushinge wizo nyubakwa.

1828: Umusirikare w’ipete rya Jenerare José Pérez de Urdininea arafata ubutegetsi, aba abaye Umukuru w’igihugu wa 3 wa Boriviya.

1906: Ikinyamugigima c’i San Francisco hamwe n’imicanwa yagikurikiye bihitana abanyamerika barenga 3000.

1909: Jeanne d’Arc ashirwa mu murwi w’abahirwe. Aho hari i Roma ahitiriwe Umweranda Petero.

1915: Roland Garros ararurukira ku butaka bw’Ubudagi, aca agirwa imbohe yo mu ntambara. Yahavuye yitirirwa ihiganwa ry’urukino rwa Tennis mu gihugu c’Ubufaransa.

1942: Intango y’igitero cataziriwe Doolittle kiraba mu Buyapani gikozwe n’igisirikare ca LettaUnzubumwe z’Amerika.

1954:
• Muri Kamboje, Penn Nouth bamushinga kuba Umushikiranganji wa mbere.
• Gamal Adel Nasser arafata ubutegetsi muri Misiri.

1955: Iyugururwa ry’inama ya mbere y’i Bandung.

1988: CanaanSodindo Banana aba umukuru w’igihugu wa mbere wa Zimbabwe.

1983: Ubuserukizi bwa Leta Zunzubuwe za Amerika buri Beyrouth buraterwa. Umurwi Hezbollah uremenga ico gitero bise Jihad Islamique ( intambara nyeranda y’aba islam).

1996: Igisirikre ca Israel gicucagira ibibombe i Cana. Abantu 106 bahasiga ubuzima.

Mu butunzi n’imibano:

1904: Inomero ya mbere y’ikinyamakuru L’Humanité kirasohoka. Ikinyamakuru catangujwe n’uwitwa Jean Jaurès.

1973: Ibikorwa bihagarikiwe na Jean Paul Sartre bitanguza ikinyamakuru Libération.

Abazwi cane bavutse kuriri genekerezo:

1913: Aimé Césaire,umwanditsi w’ibitabo akongera akaba n’umunyapolitike wo mu Bufaransa yamuka muri Martinike.

1910: Nafissa Sid Cara, umu islam wa mbere yagiye muri Leta y’ubufaransa.
1947: James Woods, umukinyi w’amareresi.

Abazwi cane muri kahise bitavyimana kw’itarike nkiyo uyu munsi:

1696: Marquise de Sévigné (Marie de Rabun-Chant.
1943: Isoroku Yamamoto, umuyapani yarafise ipete rya Amiral.
1955: Albert Einstein, incabwenge yo mukinjana ca 20 yaronse n’agashimwe kitiriwe Nobel muvyitwa Physique. Aho hari mu mwaka w’1921.

JPEG - 21.2 ko

1974: Marcel Pagnol, umwanditsi w’ibitabo akaba n’umwanditsi w’amareresi.
1996: Bernard Edwards, umunyamerika w’umucuraranzi w’igitari gihuhuma.
2004: Ratu Sir Kamisese Mara, umukuru w’igihugu ca Fiji.
2012: Dick Clark, umuremeshakiganiro ku mboneshakure "American Bandstand".

Ibihimbazwa kuruyu munsi:

• Umunsi mpuzamakungu w’ivyibutso n’ibibanza.
• Iran: Umunsi w’inguvu za gisirikare.
• Zimbabwe: Umunsi mukuru wo kwikukira. Hibukwa ukwiganzura Ubwongereza mu 1980.


Ingabire Luc-Noel

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.