IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > 19 Ndamukiza

19 Ndamukiza

mercredi 19 Ndamukiza 2017

Igenekerezo rya 19 Ndamukiza

Ibintu bikurubikuru vyaranze uwa 19 Ndamukiza

1775: Ingwano yo guharanira ukwikukira kwa Leta Zunzubumwe z’Amerika. Intambara yabereye i Lexington na Concord.

1960: Pho Proeung ashigwa kuba umushikiranganji wa mbere wa Kamboje.

1984: Itorwa icese rya "Advance Australia Fair", ururirimbo ruhayagiza igihugu ca Austrariya.

2005: Itorwa rya Papa Benedigito wa 16.

Mu buhinga n’ubushakashatsi:

1971: Irungikwa, ubwambere, ry’ikigendajuru kiguma mu kirere citwa Saliout 1.

Abazwi cane bavutse iri genekerezo:

1941: Roberto Carlos, umuririmvyi wo muri Brezire.

1968: Mswati III, umwami wa Swaziland.

1970: Gad Elmaleh, umukinyi w’ivyese bitwenza akina n’amareresi. Ni incange y’uwo muri Maroke n’Ubufaransa.

1972: Rivaldo, umukinyi w’umupira w’amaguru akomoka muri Brezire.

JPEG - 16.7 ko

1987: Maria Sharapova, umukinyikazi mu rukino rwa tennis ava mu Burusiya.

Abazwi cane bashengeye kurino tariki:

1012: Alphege,musenyeri w’i Cantorbery.

1054: Papa Leon w’9.

1882: Umwongereza Charles Darwin, umuhinga w’ibinyabuzima akaba n’umwanditsi w’ibitabo.

1906: Petero Curie, umushakashatsi muri "physique" w’umufaransa. Yigeze kuronka agashimwe kitire Nobel mu mwaka w’1903.

1998: Octavio Paz, umwanditsi w’ibitabo wo muri Mexike yaronse agashimwe kitiriwe Nobel mu mwaka w’1990.

Ibihimbazwa:

USA: Umunsi w’ubugenzi hagati y’Ubuhorande na Leta Zunzunumwe z’Amerika.
Swaziland: Ihilbazwa rya yubire y’amavuko y’umwami Mswati III.


Luc-Noel Ingabire

Portfolio

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.