IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > 2 Myandagaro

2 Myandagaro

mardi 2 Myandagaro 2016

Igenekerezo rya 2 Myandagaro.

Ibikuru bikuru vyaranze kw’igenekerezo nkiri

1830: Umwami w’Ubufaransa Charles wa 10 aratanga.

1939: Albert Einstein na Leo Szilard barungikira ikete umukuru w’igihugu ca Leta Zunzubumwe z’Amerika Franklin D.Roosvelt bamusaba ngo atanguze umugambi wo gukora ibirwanisho ruhonyanganda.

1963: Leta Zunzubumwe z’Amerika zihagarika ukugurisha ibirwanisho kuri Afrika y’Epfo kubera amacakubiri ya apartheid.

1990: Irak itera Koweit maze Leta Zunzubumwe z’Amerika zifata amatungo ya Irak. Indwano ya mbere bataziriye iyo muri Golf iba aratanguye.

1997: Mohammad Khatami aba umukuru w’igihugu ca Irani.

2001: Radislav Krstic, acirwa ugupfungwa imyaka 46na sentare mpuzamakungu yi La Haye. Yagiriwe nukuba yarakoze yarishe ibihombi vyaba musulman ahitwa Srebrenica muri Bosnie-Herzégovine muri Mukakaro 1995.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri

1868: Umwami w’Ubugiriki Constantin wa 1.

1969: Fernando Couto, umukinyi w’umupira w’amaguru wo muri Portugal.

1982: Sara Foster, umukinyi w’amareresi w’umunyamerika.

1983: Michel Fernandes Bastos, umukinyi w’umupira w’amaguru akomoka muri Brésil.

1984: Giampaolo Pazzin, umukinyi w’umupira w’amaguru akomoka mu Butarariyano.

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri

1100: Guillaume wa 2, umwamo w’Ubwongereza.

(Ifoto ya Guillaume II d’Angleterre)

1589: Henri wa 3, umwami w’Ubufaransa.

1849: Méhémet Ali, ivegera c’umwami wo muri Misiri.

1922: Alexandr Graham Bell, uwa mbere yakoze iterefone. Akomok amu Bwongereza.

1923: Warren G. Harding, umukuru w’igihugu agira uwa 29 wa Leta Zunzubumwe z’Amerika.

1936: Louis Blériot, umuhinga mukwubaka indega akaba n’umuereva w’indege w’umufaransa.


Luc Noel Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.