IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > 22 Ndamukiza

22 Ndamukiza

mardi 21 Ndamukiza 2015

Igenekerezo rya 22 Ndamukiza ni umunsi 112 w’umwaka 2015.Hasigaye iminsi 253 ngo urangire.

Ibikuru bikuru vyaranze igenekerezo nkiri

1073 : Itorwa rya Papa Geregwari w’7.

GIF - 28.8 ko
Papa Geregwari w’7

1500 : Uwitwa Pedro Alvares Cabral atora ubwa mbere ko igihugu ca Brezire kibaho.
2004 : Muri Koreya y’Uburaruko habaye isanganya rya geriyamoshi mu gisagara citwa Ryongchon. Ryahitanye abantu bagera kw’161 rihitana n’igihande cico gisagara biturutse kuguturika kwakurikiye iryo sanganya.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri 

1451: Isabelle wa 1, umwamikazi w’i Castille na León.
1610: Alexandre w’8, umu papa.
1724: Emmanuel Kant, umudagi w’incabwenga muvyitwa firozofi.

JPEG - 118 ko
Emmanuel Kant

1870: Lenine, uwatwaye igihugu c’uburusiya.
1894: Mariano Montes, uwatwaye igihuguca Espanye.
1982: Kaka, umukinyi w’umupira w’amaguru akomoka muri Brezire.
1985: Camille Lacourt, umunonotsi w’umufaransa murukino rwo gusiganwa mu kwoga mu mazi.
1987: John Obi Mikel,umukinyi w’umupira w’amaguru akomoka muri Nijeriya.
Davidi Luiz, umukinyi w’umupira w’amaguru akomoka muri Brezire.

Abitavyimana nko kurino tarike

296: Papa Caïus.
455: Petronius Maximus, umutware w’abaromani.
536: Papa Agapet wa 1.
1933: Henry Royce, umurwizatunga muvyamahinguriro w’umwongereza.
1988: Tchicaya U Tam’si, umwanditsi w’ibitabo akomoka muri Kongo.
1994: Richard Nixon, uwabaye umukuruw’igihugu ca Leta Zunzubumwe z’Amerika kuva mu mwaka w’1969 gushika 1974.

JPEG - 13.2 ko
Richard NIxon

Ibihimbazwa kuriri genekerezo

Umunsi w’isi: uhimbazwa mu bihugu birenga 184 kw’isi.
Brezire: : Dia do Descobrimento do Brasil, umunsi hibukwa itorwa rya Brezire. Itorwaryakozwe na Pedro Alvares Cabral


Ingabire Luc-Noel

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.