IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > Itarike 23 Ndamukiza

Itarike 23 Ndamukiza

jeudi 23 Ndamukiza 2015

Igenekerezo 23 Ndamukiza ni umunsi ugira 113 w’umwaka w’2015. Hasigaye iminsi 252 ngo urangire.

Ibikurubikuru vyaranze iyi tariki

1563 : itangurwa ry’ibikorwa vyo kwubaka ingoro y’i Escurial muri Espanye.

1728 : Jean-Jacques Rousseau, ku myaka 16, yamenyesheje ku mugaragaro ko avuye mw’i dini yaba Poroti araheza abatizwa mw’idini rya Gatoririka.

1759 : Abongereza bigarurira Guadeloupe.

1848 : amatora ya mbere aho abanyagihugu bitorera bonyene ababarongora. Amatora yararekuriwe kugirwa n’abagabo gusa.

1919: itorwa ry’itegeko rishiraho ko umunsi w’ibikorwa umara amasaha 8, aho ni mu Bufaransa. Itegeko ryahavuye rivyara umunsi wahariwe abakozi uhimbazwa igenekerezo ya 1 Rusama uko umwaka utashe.

1949: Ibashinwa baba koministe bafata igisagara Nankin.

1961: Haba itembagazwa ry’ubutegetsi i Alger muri Algerie.

1965: Hashirwa ahabona Peugeot 204.

1981: Ingwano ya mafia mu Butariyano. Hagati y’umurwi witwa Cosa Nostra wo mugisagara ca Sicile.

1990: Igihugu ca Namibiya cinjira mu muryango w’ibihugu bigize ONU.

1992: Than Shwe asubirira Saw Maung mu kibanza c’umukuru w’igihugu ca Birimaniya.

Abazwi cane bavutse iri genekerezo:

1464: Jeanne de France (umweranda), umwamikazi w’Ubufaransa.

JPEG - 15.6 ko

1484 : Jules César Scaliger, incabwenge ikomoga mu Butariyano.

1564 : William Shakespeare, umwanditsi w’umwongereza.

1791 : James Buchanan, umukuru w’igihugu wa Leta Zunzubumwe z’Amerika agira 15. Yatwaye kuva 1857 gushika 1861.

1977 : John Cena, umunonotsi mu rukino bita « Catch » w’umunyamerika.
Andruw Jones, umukinyi w’umupira w’amaboko wa Basket akomoka mu mazinga ya Antilles.

1983: Taio Cruz, umwanditsi akaba n’umuririmvyi w’umwongereza.
Daniela Hantuchová, umukinyi wa tennis akomoka mu Burusiya.
Gerhard Zandberg, umunonotsi asiganwa mu kwoga w’umunyafirika y’epfo.

1989: Nicole Vaidisova, umukinyikazi wa tennis akomoka muri Tcheque.

1990: Matthew Underwood, umukinyi w’ireresi w’umunyamerika.

Abizwi cane bitavyimana iyi tarike

1616: William Shakespeare

JPEG - 98.1 ko

1998: James Early Ray (yavutse itarike 10 Rusama 1928), uwishe Martin Luther King araheza acirwa umunyororo w’imyaka 99 aho hari mu mwaka w’1968.

2007: Boris Elstine, uwabaye umukuru w’igihugu c’Uburusiya kuva 1991 gushika 1999.

Ibihimbazwa uyu munsi

Umunsi mpuzamakungu w’igitabo n’uburenganzira bw’abanditsi.
Umunsi wa mbere indwi mpuzamakungu y’umutekano wo mw’ibarabara.
Mu Budagi: umunsi wahariwe inzoga y’Ubudagi.


Ingabire Luc-Noel

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.