IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > Itarike 29 Ndamukiza

Itarike 29 Ndamukiza

vendredi 29 Ndamukiza 2016

Igenekerezo 29 Ndamukiza.

Ibikurubikuru vyaranze igenekerezo nkiri

1624 : Cardinal de Richelieu aba umushikiranganji mukuru w’umwami
Louis XIII. Inyuma yo kuba musenyeri ku myaka 22, Armand Jean du
Plessis kw’izina ryiwe ryukuri, yarakunzwe na Marie de Medicis
araheza ashinga gukurikirana umwami Louis XIII aho yarakirimuto. Mu
1622, atorwa kuba Cardinal. Yamaze imyaka 18 mu mabanga
y’umushikirangaji muuru w’umwami.

1770 : James Cook, ingenzi y’umwongereza ishika ku mugabane wa
Australie ari mu bwato bwitwa Endeavour. Yashikiye ku nkengera zahitwa
Boteny Bay.

1945 : Hatangwa umwidegemvyo abari bapfungiwe muco bita Camp de
Concentration y’i Dachau. Aho niho hegeranirizwa abantu bo mu bwoko
bw’aba « juifs » maze bagahohoterwa, bagacurwa bufuni na buhoro.

. Abagore baraja mu matora ubwa mbere mu Bufaransa.
Bitaba amatora yo muma komine.

. Haba ubugeni bwa Adolf Hitler na Eva Braun, umunsi umwe gusa imbere yuko biyahura bompi.

JPEG - 27.4 ko

1959 : Habaho leta ya Tibet ariko murico gihe yari mu mahungiro,
ntiyakorera muri ako karere ka Tibet.

1978 : Ingenzi y’umuyapani azwi kwizina rya Naomi Uemura ashikira
isonga ryo mu buraruko bw’isi ari wenyene. Yabaye uwa mbere abikoze
ari wenyene.

1982 : Ubushinwa bukwiza igitigiri c’umuriyaridi wabantu b’abashinwa
baba ku butaka bwico gihugu.

1992 : Valentine Strasser atembagaza ubutegetsi bwa Joseph Saidu Momoh
mu gihugu ca Sierra Leone.

1997 : Hashizwe mu ngiro itegeko mpuzamakungu ribuza ikoreshwa
ry’ibigwanisho ruhonyanganda.

2005 : Haba umubonano w’intibagirwa hagati y’abarongozi b’imigambwe
ibiri iri mu Bushinwa. Hu Jintao yararogoye umugambwe waba Koministe
(PCC) hamwe na Lien Chan yatwara umugambwe Guomindang. Hari haheze
imyaka 60 abarongozi biyo migambwe badahuye.

2011 : Haba ubugeni bwa Catherine Middleton n’umwana wo munda
y’ingoma William bo mu Bwongereza.

JPEG - 54.9 ko

Mu butunzi n’imibano

1961 : ishingwa ry’ishirahamwe mpuzamakungu rikingira ibidukikije
ryitwa WWF mu mpfunyampfunyo y’icongereza. Rikaba rifise icicaro caryo
mu gihugu ca Suisse.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri

1958 : Michelle Pfeiffer, umukinyi w’amareresi w’umunyamerika.
1970 : André Agassi, umukinyi wa tennis rurangiranwa w’umunyamerika.

JPEG - 49.2 ko

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri

1980 : Alfred Hitchcock, umuhinyanyizi w’amareresi afise akabira ka
amerika n’ubwongereza.

1972: Umwami wa nyuma w’Uburundi NTARE 5 (Charles Ndizeye).

JPEG - 43 ko

Ibihimbazwa

. Umunsi mpuzamakungu y’intambo


Ingabire Luc-Noel

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.