IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > 3 Ruheshi

3 Ruheshi

vendredi 3 Ruheshi 2016

Igenekerezo rya 2 Ruhenshi.

Ibikuru bikuru vyaranze kw’igenekerezo nkiri

1098 : i Antiyokiya harafatwa.
1953 : Umwamikazi Erizabeti wa 2 w’Ubwongereza ahabwa urugori
rw’ubwami. Aho hari inyuma y’urupfu rwa se wiwe George wa 6 w’Ubwongereza. Ni nawo munsi wa mbere ubuhinga bwo kwerekana amasanamu y’ibirori biriko biba uwo mwanya nyene vyatangura gukora hakoreshejwe imboneshakure.

Elisabeth 2

1988: Haba inama y’ibihugu 8 rutura ahitwa Evian. Fransisko Mitterrand
na Helmut Kohl bamenyesha icese umugambi wogukorsha ifaranga rimwe ku
mugabane wa Buraya.
1997: Lionel Jospin ashingwa amabanga yo kuba umushikiranganjiwa mbere
w’Ubufaransa.

Lionel Jospin

Abazwi cane bavutse kwigenekerezo nk’iri

1535: Léon wa 11, umu papa.
1941: Charlie Watts, umucuraranzi w’umwongereza abuza ingoma yikizungu
mu murwi The Rolling Stones.
1981: Nikolay Davydenko, umukinyi wa tenisi w’umurusiya.
1988: Sergio Agüero, umukinyi w’umupira w’amaguru akomoka muri Argentine.

Abazwi cane bitavy’’Imana kw’igenekerezo nk’iri

1900: Samory Touré, intwari yo muri Afrika y’Uburengero.

Samory Touré

1941: Karl Brandt, umuganga w’umudagi yari umu nazi. Niwe yari
umuganga bwite wa Adolf Hitler.
1961: George Kaufman, umwanditsi w’umunyamerika.
1999: Junior Braithwaite, umuririmvyi akaba n’umucuraranzi wo muri
Jamayika. Yarabaye umwe mubari bagize umurwi The Wailers. Umurwi
waririmvyemwo ibihangange mu mudiho wa rege nka Bob Marley, Peter
Tosh.

Ibihimbazwa

Umunsi mpuzamakungu wahariwe ibinyamakuru bishikiriza amakuru y’inkino.
. Argentine:
Umunsi wahariwe abafise impamyabushobozi mu gisata c’ubutunzi.
Umunsi wahariwe abatabara ahateye impanuka bakorera kubuntu.
Umunsi w’igihugu wahariwe imbwa.
. Mu Butariyano: Umunsi mukuru wa Repubrika.


Luc- Noel Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.