IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > 3 Rusama

3 Rusama

jeudi 3 Rusama 2018

Igenekerezo rya 3 Rusama.

Ibikurubikuru vyaranze iyi tariki

1494 : Christophe Colomb atora ubwa mbere izinga rya Jamaïque. Izinga
riri ku mugabane wa Amerika. Izinga rizwi cane ko ariryo mamuko
y’ibihangange mumudiho wa Rege, aho twovuga :Bob Marley, Peter Tosh
n’abandi.

JPEG - 17.8 ko

1815: Havuka icese igisagara ca Cracovie aho akaba ari mu bumanuko
bw’igihugu ca Pologne. Ico gisagara akaba arico caciye kiba umurwa
mukuru w’intwaro muri Pologne.

1913: Ihinguriro ry’amareresi Boolywood yo mu Buhindi iratanguzwa.
Iryo hinguriro riri mu gisagara ca Bombay, ni naho hakorwa amareresi
menshi kw’isi.

1999: Muri leta ya Oklahoma mu gisagara ca Oklahoma City, aho ni muri
Amerika, agashururu kahitanye ubuzima bw’abantu bagera kuri 14.
Kongera konona ibintu bifise ikiguzi c’umuriyaridi n’igice kimwe
vy’amahera y’amadorare.

2006: Umurwanyi agira iterabwoba Zacarias Moussaoui acirwa urubanza
rwo gupfungwa ubuzima bwiwe bwose.

JPEG - 11.2 ko

Mu buhinga , imico n’amadini

1996: Hatorwa Papa Geregwari V.

Mu butunzi n’imibano

1837: Hashingwa kaminuza y’i Athènes, aho ni mu Bugiriki.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri

1469: Nicolas Machiavel, umunyapolitike akongera akaba n’umwanditsi
n’incabwenge muri philosophie akomoka mu Butariyano.

1933: James Brown, umuririmvyi w’umunyamerika ari mubatanguje umuziki
wo mu mudiho witwa Soul. Yitavyimana ku munsi wa Noheli igenekerezo
rya 25 Kigarama 2006.

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri

1758: Papa Benedigito XIV. Yaciye asubirirwa na Clementi XIII.
1925: Clément Ader, umuhinga mukwubaka w’umufaransa ari mubatanguje
indege za none.

2001: Billy Higgins, umuvuzi w’ingoma z’ikizungu mu mudiho wa Jazz.
Akomoka muri Amerika.

Ibihimbazwa

Umunsi mpuzamakungu wahariwe ukwigenga kw’ibinyamakuru. Umunsi
uhimbazwa kuva mu mwaka w’1994. Washinzwe n’ingingo 48/432 y’inama
nkuru ya ONU, ingingo yasinywe mu mwaka w’1993.

. Honduras: Umunsi wahariwe abahinga mu gucapa inyubakwa.
. Japon, Lituanie no muri Pologne: Umunsi mukuru wahariwe ibwirizwa nshingiro.


Luc Noel Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.