IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > 30 Ndamukiza

30 Ndamukiza

lundi 30 Ndamukiza 2018

Igenekerezo rya 30 Ndamukiza .

Ibikurubikuru vyaranze iyi tariki

1789 : Ibirori vyo kwinjiza icese umukuru w’igihugu wa mbere wa Leta
Zunzubumwe z’Amerika, George Washington. Ivyo birori vyabereye mu
gisagara ca New York.

1803: Napoléon Bonaparte, uwarongora Ubufaransa ico gihe agurisha
intara ya Louisiane ku gihugu ca Leta Zunzubumwe z’Amerika. Mu mwaka
1812, iyo ntara iraheza iba leta igira 18 muyagize ico guhugu.

JPEG - 20.2 ko

1933: Umurwi w’umupira w’amaguru witwa “Olympique lillios” uba umurwi
wa mbere wo mu gihugu c’Ubufaransa utanguje kugira abakinyi bafashe
ugukina umupira w’amaguru nk’akazi kabo ataco bakabangikanije.

1945: Adopf Hitler ariyahura aho yari yinyegeje mw’isengantamenwa ry’i
Berlin. Aho naho yarasagirijwe n’igisoda bise “igisoda gitukura”. Uwo
munsi nyene haciye hugururwa ikambi yahitwa Ravensbrück, yarimwo
abagizwe imbohe n’intwaro ya Hitler. Hari harwiriyemwo ubwoko bwaba
“Juifs”.

1959: Intambara yo muri Viêt Nam yariko ihuza abanyamerika na Viêt Nam
irashika no mu gihugu ca Cambodge. Igihugu kibanyi ca Viêt Nam.

1961: Uburusiya buronsa agashimwe k’uwaharaniye amahoro kitiriwe
Lénine ku mukuru w’igihugu ca Kiba w’ico gihe, uwitwa Fidel Castro.
Mwomenya ko uwo Lénine yari umukuru w’igihugu catwaza umukazo.

1980: Umwamikazi Juliana wo muri Pays-Bas aratanga ku munsi waho
yakwiza imyaka 71, arahheza ahereza ungoma umukobwa wiwe Beatrix.

1993: Ku kibuga ca Tennis c’i Hambourg,umukinyikazi Monica Seles yari
nimero imwe ico gihe acumitwa imbugita n’umurorerezi afise ingorane zo
mu mutwe. Ivyo bikaba vyabaye mu gihe uwomukinyikazi yariko
arakinaurukino.

JPEG - 10.2 ko

2003: inyuma yigihe kigera ku myaka 5 c’ibiganiro, umkuru w’igihugu
c’Uburundi Petero Buyoya akorerwa mu ngata na Domisiyano Nayizeye.

Abawi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri

1909: Juliana, umwamikazi wo mu gihugu ca Pays-Bas.
1959: Stephen Harper, umushikiranganji wa mbere wo uri Kanada.

Awuzwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri

1945: Adolpf Hitler, umatwaje umukazo mu gihugu c’Ubudagi. Ari
mubatumye itambara ya kabiri y’isi iba.

Ibihimbazwa

. Umunsi mpuzamakungu w’umudiho wa Jazz.

. Pays-Bas, Aruba, Curaçao na Saint-Martin: hahimbazwa Umunsi mukuru
w’umwamikazi.

. Thaïlande : Umunsi wahariwe ugukingira ababaguzi.

. Viêt Nam : Umunsi w’umwidegemvyo bita kandi uwintsinzi canke uwukuja
hamwe. Aho hibukwa ifatwa ry’igisagara ca Saïgon hamwe n’isubirahamwe
ry’igihugu mu mwaka w’1975.

umwamikazi Beatrix yatanze kuri uno munsi. Yahereje musaza wiwe
Willem-Alexender".


Luc Noel Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.