IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > 8 Rusama

8 Rusama

mardi 8 Rusama 2018

Igenekerezo rya 8 Rusama.

Ibikurubikuru vyaranze iyi tariki

46, imbere y’ivuka rya Y-C : Jules César yishinga kurera Octavien. Uno
yahavuye aba umwami yafashe izina rya Augustin.

1429 : Umwigeme w’umufaransa Jeanne d’Arc asugereza Abongereza maze
kuva mu gace kahitwa Orléans. Uwo mwigeme yabaye umugwanyi kuva ku
myaka 17 yavugako akiri muto Imana yamutumye gutabara umwami Charles
VII wico gihe, aho yarageramiwe n’Abongereza.

JPEG - 13.7 ko

1541 : Mississippi itorwa nuwitwa Hernando de Soto.

1886: Ikinyobwa Coca-Cola kirabaho.

1996: Afrika y’Epfo irinka ibwirizwa nshingiro rishasha.

2010: Laure Chinchilla aba umukuru w’igihugu wa mbere w’umugore atwaye
Repubrika ya Costa Rica.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri

1828: Henry Dunant, akomoka muri Suisse. Niwe yabaye uwambere yaronse
agashimwe k’amahoro kitiriwe Nobel mu mwaka w’1901. Niwe yatanguje
ishirahamwe rya “Croix Rouge” rikwiraiye mu bihugu nka vyose vyo
kw’isi.

1884: Harry Truman, umukuru w’igihugu wa Leta Zunzubumwe z’Amerika agira 33.

1976: Enrique Iglaisias, umuririmvyi akomoka mu gihugu ca Espange.

JPEG - 7.4 ko

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri

535: Jean II, uwabaye papa.

1794: Antoine Lavoisier, umuhinga akaba n’umushakashatsi muri Chimie
w’umufaransa.

1880: Gustave Flaubert, umwanditsi w’umufaransa.

1952: William Fox, umuhinyanyuzi muvyerekeye amareresi w’umunyamerika.

2000: Hubert Maga, umukuru w’igihugu ca Bénin kuva 1960 gushika 1963
no kuva 1970 gushika 1972.

Ibihimbazwa

. Umunsi mpuzamakungu wahariwe Croix Rouge.

. Koreya y’epfo: Umunsi mukuru wahariwe abavyeyi.

. Leta Zunzubumwe z’Amerika, Missouri: umunsi wahariwe ukwibuka Truman
yabaye umukuru w’igihugu.


Luc Noel Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.