IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abakomiseri 3 bari mu bagize umurwi w’ukuri no kunywanisha abarundi (...)

Abakomiseri 3 bari mu bagize umurwi w’ukuri no kunywanisha abarundi barahiye

mardi 6 février 2018

Abo ba komiseri batatu barahiye kugira basubirire abatari bakiri muri uwo murwi wo kumenya ukuri no kunywanisha abarundi CVR, ni Pasitori Clement Noe NZIZA,Patiri Pascal NIYONKURU hamwe na Leonce NGABO.

Umukuru w’umurwi wo kumenya ukuri no kunywansiha abarundi Musenyeri Jean Louis NAHIMANA yamenyesheje ko, ubu bagiye kworoherwa mu bikorwa vy’umurwi bajejwe kuko bahora ari 8 inyuma yaho 3 bahora mur’uwo murwi bagiye mu bindi bikorwa.

Amajambo bagarutseko mu kurahira, ajanye n’uko bazorangura ibikorwa vyabo ata guhengama,ata gukumira kugira bamenye ukuri mu ntumbero yo kunywanisha abarundi, mu kwubahiriza amategeko agenga umurwi wo kumenya ukuri no kunywanisha abarundi.

Abo bakomiseri batatu basubiriye,Musenyeri Bernard, Patiri Desire YAMUREMYE hamwe na Didace KIGANAHE.


BIKORIMANA Vianney

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.