IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abakorera mu bibanza vyatewe n’umuriro basaba kwinjira kuraba (...)

Abakorera mu bibanza vyatewe n’umuriro basaba kwinjira kuraba ivyononekaye

lundi 12 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Abo badandaza bazindukiye muri ico kibanza, bakavuga ko bari baje kwegeranya ibintu vyasanzaye, barabe ivyahiye hamwe n’ivyoba vyaribwe.

Abo badandaza babwiwe ko inyuma y’umuhingamo wo kuri uwu wa mbere bashobora kwemererwa kwinjira aho bahora bakorera, nihahera ibikorwa vy’ukwegeranya ibisigarira vy’ivyahiye.

Abajejwe gutunganya ico kibanza c’ubudandaji cahiye bamenyesheje abo badandaza ko borindira, bakabizeza ko inyuma y’umutaga, ibikorwa vy’ugusibura ahononekaye nivyahera, abo badandaza bashobora kwinjira kuraba ibintu vyabo.

Ibibanza vy’ubudandaji biri ahitwa kwa NDAYIZAMBA, hagati y’ihinguriro REGIDESO n’isoko "Le Parisien" vyatewe kuri uwu wa gatandatu n’impanuka y’umuriro uvuye ntsinga za REGIDESO zitari zashizweho neza.

Mu giporisi kijejwe gukinga impanuka barihutiye kuza kuzimya, ivyatumye uwo muriro utamara umwanya munini, kandi udatandukira ibindi bibanza vy’ubudandaji vyegereye aho hahiye.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.