IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > "Abakozi bariko bakosora amakosa yakozwe ku mazina y’abazotora (...)

"Abakozi bariko bakosora amakosa yakozwe ku mazina y’abazotora ntibakwiye"

mardi 3 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

Amakuru twahawe n’uwaronkejwe ako kazi, avuga ko akora ari umwe rundende. Aho twamusanze mu gisagara ca Bujumbura, ariko atashimye kw’ivuga izina, amenyesha ko akazi ko kumanika izo ntonde kamugoye kuko vyabaye ngombwa ko ahemba abamufatira ivyo bipapuro, akabona kubimadika ku mpome.

JPEG - 78.1 ko
Kiremba (Ngozi) : RWASA Agathon ariko araba ko yanditswe ku ntonde z’abazotora

Ku cerekeye abaza kuraba ko amazina yabo yanditswe neza, uwo mukozi wa CECI Mukaza twaganiriye gushika igihe c’isaha 4 z’agatondo, avuga ko ata benshi bari bwaze kwiraba, ariko ko muri 30 bari bamaze kuza bose basanze ata makosa arimwo.

Umugwi w’igihugu wigenga ujejwe gutunganya amatora CENI, wari watangaje ko ico gikorwa co kwiraba no gukosoza amakosa yakozwe hariko hashirwa amazina mu mashini nyabwoko kizomara iminsi 4 kuva kw’igenekerezo rya 3 gushika ku rya 6 Ndamukiza 2018.

Ntiturashobora kuronka abo mu murwi CENI kugira bagire ico bashikirije kuri ico kibazo.


Oscar NDAYISHIMIYE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.