IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abakuru b’ibihugu babiri ba EAC ntibashigikiye ingingo yafashwe na (...)

Abakuru b’ibihugu babiri ba EAC ntibashigikiye ingingo yafashwe na CPI

lundi 13 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu mubonano wahuje kuri uwu wa gatandatu abo bakuru b’ibihugu, mu gihugu ca Uganda, John Pombe Magufuli umukuru w’igihugu ca Tanzaniya yamenyesheje ko iyo ngingo ya CPI isubiza inyuma utwigoro twa Afrika y’ubuseruko yatanguje ibiganiro bihuza Abarundi.

Kubwa Yoweri Kaguta Museveni aramutswa igihugu ca Uganda, Sentare mpanavyaha mpuzamakungu yarivanze mu bijanye n’itunganwa ry’ibikorwa vya Afrika y’ubuseruko, akavuga kandi ko iyo ngingo itari gufatwa abarongoye akarere ka Afrika y’ubuseruko batagishijwe inama. Uwo muhuza mu biganiro bihuza Abarundi ashikiriza ko ingingo ya CPI isubiza inyuma utwigoro tw’ukugarukana amahoro mu Burundi.

Abo bakuru b’ibihugu bemeza ko umutekano watanguye kugaruka mu Burundi, kuko ku bwabo, impunzi zibandanya gutahuka ku bushake bwazo.

Sentare mpanavyaha mpuzamakungu yafashe kuri uwu wa kane igenekerezo rya 9 Munyonyo 2017 ingingo y’ukwugurura amatohoza nyezina mu Burundi, ku vyaha vyakozwe kuva kw’igenekerezo rya 26 Ndamukiza 2015.

Abacamanza batatu ba Sentare mpanavyaha mpuzamakungu (CPI) bafashe kuri uwu wa kane ingingo y’ukwugururura amatohoza nyenizina ku vyaha vyakozwe mu Burundi kuva kw’igenekerezo rya 26 Ndamukiza 2015, canke vyakozwe inyuma y’igenekerezo rya 27 Gitugutu 2017 Uburundi bumaze kuva muri iyo Sentare.

Iyo ngingo yafashwe n’abacamanza Chang-ho Chung ariwe yari umukuru w’intahe, Antoine Kesia-Mbe Mindua hamwe na Raul C. Pangalangan, yemerera umushikirizamanza wa CPI, Fatou Bensouda, gutanguza amatohoza nyenizina ku vyaha vyakozwe bihanwa na Sentare mpanavyaha mpuzamakungu, vyakozwe mu Burundi canke ivyaha vyakozwe n’Abarundi bari hanze y’Uburundi kuva kw’igenekerezo rya 26 Ndamukiza 2015 hamwe n’ugushika kw’igenekerezo rya 26 Gitugutu 2017.

Abacamanza ba CPI bafashe iyo ngingo bemeza ko Sentare mpanavyaha mpuzamakungu ifise ububasha bw’ugukurikirana ivyaha vyakozwe Uburundi bukiri muri iyo Sentare, ni ukuvuga gushika kw’igenekerezo rya 26 Gitugutu 2017.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Ngaho aho ibintu bitangarije wewe. Birirwa baraduhenda ngo bariko barafasha ivyo bafasha kandi nabo bariko barashigikira igandagurwa ry’inzirakarengane? Kuvuga ngo amahoro yaragarutse, naho vyobaye ari vyo nticobuza ko inkozi z’ikibi zifatwa nubutungane. Mbe burya amabi yirirwa arakorwa nimbonerakure arabashimisha? Je uwongira president wa republika, ikintu noherako kwoba gukura igihugu canje muri EAC kuko biraboneka ko ibihugu biyigize birangwa n’agacinyizo gusa.

  • CPI muyihe umwanya ikore akazi kayo ntawe izorenganya,ba Museveni na Magufuli bavyibutse ubu?none bafashije iki Abarundi?ni bamaramarire hiyo

  • Mbe ko mperuka CND-FDD yagiriza Museveni na Nyakubahwa Kagamé ko bari guhindura EAC empire Hima,nkaba mbona M7 ashigikiye Peter ibi vyovyo twovyita ngw’iki?birerekana neza yuko CNDD-FDD nta politique na nkeya izi,ipfa kuvuga gusa nta plan politique igira

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.