IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > u Burundi > Abamenyeshamakuru bibukijwe inyifato bogira mu matora y’ugusubiriza Martin (...)

Abamenyeshamakuru bibukijwe inyifato bogira mu matora y’ugusubiriza Martin MBAZUMUTIMA

Wednesday 25 October 2017

Mu ntumbero yo gushira mu ngiro ibiri mw’ikete umurwi wigenga utegura amatora CENI wandikiye urwego CNC rujejwe kugenzura ibinyamakuru n’abamenyeshamakuru, urwo rwego rumenyesha ko rwisunze ko ibihe vy’amatora bidasanzwe n’uruhara rudasanzwe rw’ibinyamakuru mu gihe c’amatora, rwibutsa ibinyamakuru kuronsa ku rugero rumwe abitoza, akaryo ko gukoresha ibinyamakuru vyigenga canke ivya Reta.

Mu kiganiro icegera c’umukuru w’urwego CNC akaba n’umuvugizi warwo Aimée Divine NIYOKWIZIGIRWA yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 25 gitugutu 2017, yavuze ko ibinyamakuru vyibukijwe ko babwirizwa kwubahiriza ibwirizwa nshingiro, ibwirizwa rigenga umwuga wo kumenyesha amakuru n’ayandi mabwirizwa yose agenga igihugu.

JPEG - 22.1 kb
Aimée Divine NIYOKWIZIGIRWA, umuvugizi w’urwego CNC rujejwe itangazamakuru mu Burundi

Muri ico kiganiro, urwego CNC rusaba kandi abamenyeshamakuru kugendera ingendo y’intwaro rusangi mu kwubahiriza ubwigenge bwo kumenyesha amakuru n’ibinyamakuru, gushikiriza inkuru zatohojwe neza kandi zidahengamye.

Urwego CNC rugasaba ibinyamakuru kwirinda inkuru zityoza, amacakubiri y’urukoba, ivyagiriji bitagira ishingiro, ivyiyumviro bifatiye ku ntara, ku bwoko, ku ntara, kw’idini vy’uwiyamamaza canke ku bayoboke biwe.

Urwego CNC rusaba kandi ibinyamakuru kwirinda inkuru zifatiye kuri poritike ishingiye ku binyoma, kuryosharyosha abantu babakangurira kutisunga amategeko.

Mwomenya ko umukenguzamateka Martin MBAZUMUTIMA agiye gusubirizwa mu matora azoba kw’igenekerezo rya 7 Munyonyo 2017.


MUGISHA Van Naris

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.