IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abana bagera kuri 218.345 bahagarikiye hagati amashuri mu mwaka w’ishuri wa (...)

Abana bagera kuri 218.345 bahagarikiye hagati amashuri mu mwaka w’ishuri wa 2016-2017

lundi 20 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu gihe kw’igenekerezo rya 20 Munonyo isi yose yama ihimbaza umunsi wahariwe agateka k’umwana, mu Burundi ibitigiri vy’abanyeshuri bacira hagati ishuri hamwe n’abakobwa b’abanyeshuri batwara inda z’ishushu biguma vyiyongera.

Urunani FENADEB ruhurikiyemwo amashirahamwe yitaho agateka k’abana rumenyesha ko abana bagera kuri 218.345 bahagarikiye hagati amashuri, abakobwa nabo bagera kuri 1690 batwara inda z’ishushu bakiri kw’ishuri muri uwu mwaka w’ishuri wa 2016-2017.

Mw’ikete urunani FENADEB rwasohoye kuri uwu munsi wahariwe agateka k’abana wama uhimbazwa igenekerezo rya 20 Munyonyo, urwo runani rushikiriza ko ikibazo c’abana bacira hagati amashuri, haba mu mashuri mato mato n’ayisumbuye, hamwe n’abigeme batwara imbanyi biguma vyiyongera.

Muri FENADEB bavuga bati : «Kuva mu ntureka zatanguye mu mwaka wa 2015, tuguma dusemerera ngo Reta, abavyeyi, eka umurundi wese agire ico yofasha kugira ngo ikibazo c’abana bacira hagati amashuri, hamwe n’inda z’ishushu vyogabanuka cane».

JPEG - 180.6 ko
Jacques NSHIMIRIMANA, umukuru w’urunani FENADEB

Muri FENADEB bavuga ko bararajwe ishinga n’umurindi w’ihebwa ry’amashuri, mu gihe mu mwaka wa 2016, abahevye ishuri bari 115.193, mu kiringo c’umwaka umwe gusa bakaba bageze kuri 218.345.

Naho biri uko, muri FENADEB barashikiriza ko Reta iriko iratera intambwe muri uwu mwaka wa 2017, hakaba hari intara ziriko ziratera imbere nka Ruyigi bavuye ku bitigiri 23.649 mu mwaka w’ishuri wa 2015/ 2016 bikaja kuri 594 muri uwu mwaka w’ishuri 2016/2017.

Intara zigeramiwe n’uguhagarika amashure ku bana ni: Bubanza (24.909), Kayanza (22.448), Kirundo (22.175), Ngozi (19.990), Muyinga (19.840), Karuzi (15.475), Gitega (15.252), Cibitoke (12.333), Makamba (12.279) hamwe na Rumonge (10.053).


Pacifique BUKURU

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.