IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abandi barundi barenga 200 birukanwe mu Rwanda

Abandi barundi barenga 200 birukanwe mu Rwanda

samedi 29 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Abajejwe intwaro mu ntara ya Kirundo bavuga ko abandi barundi barenga amajana abiri aribo bashitse muri iyo ntara kuva mu ntango z’iyi ndwi dusozereye, bava mu gihugu c’Urwanda.

Abo barundi bavuga ko birukanwe mu Rwanda, bakaba bagizwe n’imisore yahora ikora uburimyi n’ubworozi, hamwe n’ubundi buzi buto buto aho mu gihugu c’Urwanda, . Bamenyesha ko birukanwe batategujwe, bamwe muribo bakaba bataronse n’umwanya w’ukwishuza ugufaranga bari baheraniwe. Bose bavuga ko batabwiwe impamvu z’iyo ngingo y’ukubirukana ku butaka bw’Urwanda.

Ubuyobozi bw’intara ya Kirundo bumenyesha ko bwakiriye abo barundi bagizwe ahanini n’abavuka mu Kirundo, ariko hakaba harimwo n’abo mu ntara za Kayanza, Ngozi na Muyinga.

Abajejwe intwaro nibo baza kwakira abo birukanwe, umwe wese agasubizwa muhira aho yahora aba. Abatarakirwa babandanya kugaburirwa hamwe n’uguhabwa uburaro n’ubuyobozi bw’intara ya Kirundo, mu kurindira ko bashikanwa mu miryango yabo.


IGIHE

Messages

  • Ibi vyose ni provocation vy’ igihugu c’ Urwanda. None rero Barundi mwiyubareko mu kanure, ntimushavure ni mwigumye.
    Birabonekana ko aragashavu reta y’ Urwanda ifise.

  • Rwose rekatubivugeho, abobarundi bagishijwe inamakeshi babwirwako bakwiye kwitabira kujya munkambi maze bagahabwa ubufashya kabarabwiwe ibyobarivuvuge kunzengo zishyinzwe kwakira impunzi arikobo bakomeje kwivugirako batajye Rwanda bahunze ngokubwibyo ngontampamvu yokujya munkambi yimpunzi.
    Nibasubizwe Burundi ntibumva, kuko baribamaze guhabwa amabwiriza yibyibaribuvuge amwe nayangaya:
    Turahunze Imbonerakure zishaka kutwicya,
    Turahunze kubera tutashigikiye ikiringo cyagatatu cya Nkurunziza,
    Turahunze kuko turi mumashyaka atavugarumwe nishyaka ririkubutegetsi.
    Ibyongibyo baratsemvye kobatabikora ababikoze ubungubu bibereye munkambi kandi barafashwa na HCR.

  • OYANIBUNVE BAGWAHE TWEBWE TWASIGAYE TWABAYIKI NONE ABABAHENZEBO GWAZANANYE BAZIVAMWO

  • Abo n’imbonerakure nubazirukane zive mu Rwanda,mu Burundi bari kuba babishe

  • jew simenya ,kand rintahura icabatwaye mu rwanda .kuv buyya avuy kubutegets ntantambar iraba muburund .kagam nabahinkoni bashaka kryivyagusa

  • kuvyukuri nibagaruke mbona umutecano uhari kiretse kukwiyekwongerezwa.

  • "Mpunge Urwaha Yakimajij Amaguru"Nibaze Igihu Nicabo Arik Natwe Mbona Agace Ntuyemw Kuzuye Abanyarwanda Gusa Kand Tubanye Neza Ntababirukana Nn Uwomutima Urwanda Rufise Uteye ute?

  • Ariko cnared na na ba MINANI babahenda ngo hungira mu Rwanda I Burundi ngo hari intambara none ko bashitse bakakirwa bakagaburigwa hari uwabariye n,urwara??? Ariko abantu hamwe bibagira ningoga nka MINANI igihe bica NDADAYE yahizwe buhongo na Leta ya BUYOYA na PACIFIQUE ahungira hanze ariko cndd yakoze ibishoboka vyose igarukana democracy abona guhunguka aronka aho aba none aribagiye afatanye na PACIFIQUE ngo ahanganye na cndd ariyo yamukuye iyo yaragorew mubuhungiro ( ba bwenge bike) jijuka naj narajijutse!!?

  • mbaze haru muhunguwikiremba yitwa nininahazwe donatien arimwo? ngonzekumutora nibazetwubake inzara ntibayihunga ahubwonukuyigwanya mugukora

  • Nanje ndikondabona twarahenzwe nabamwe mubanyarwanda kuko sindiko nabona iyotuja niyotuva kandi nubwo iyotubonanye nabanyarwanda bashigikiye ubutegetsi bwurwanda batwerekako bazotugirira ngonkivyo Museveni yabagiriye mugutera urwanda mu 90-94
    Jewe harahombona ko iyobiherereye baravugako turibijuju kuko ivyodushimikirako mukurwanya uburundi ntibifise ishingiro nkuko bobo ivyobavuga baribifise ishingiro, ahubwo tugaruye ubwenge hashobora kuzoshika igihe tukabaruhebwa Kw’Isi yose.

  • Nibaze Dukore Ibikorwa

  • Babahenze Ngonibahunge?Kobagowe?Kobatabaha Ifashanyo Murakoze

  • Nibaze Dukore Ibikogwa

  • Nta mutima mubi urimwo kuko mu Rwanda kuhaba n’ukugendera ku mategeko nta kajagari kabayo, ni mu babaze uko bari babayeho murasanga hari ivyo batubahirije. Nambe n’u Rwanda ntirwica abanyagihugu rubasubiza iwabo amahoro, mu Burundi nti muzi ko hamaze gupfira abanyarwanda benshi atanico bazira, bahorwa urwikekwe! Ahubwo abanyarwanda baritonda cane, kuko tubiravye dusanga u Burundi bwarabasomborokeje bihagije ariko bakinumira.

  • hahahahahaaa ariko abarundi bararangiye kweli ! ninde wababeshye ko aba bahunze ejo bundi mumvuto zo kwiyamamaza kwa Nkurumbi? aba bamaze imyaka myinshi mu Rwanda batuye ariko muburyo butemewe namategeko. ntabwo ari impunzi za politike mbi yaba DD, ntabwo bavuye munkambi . for more information mugende mubabaze iyo bavyagiye iyo mukirundo bababwire ukuli mureke kubeshya abarundi musibanganya ibimenyetso bya mafuti nimiyoborere mibi igiye kumara abenegihugu. kuko iyo baza kuba bavuye munkambi bari kuzanywa na UN kuko niyo iba hostinze nubwo bikorerwa kubutaka bw’ u RWANDA.

  • Hhh ngo nitwe twashutse abarundi ngo muhunge??? Ubwo se nkabanyarwanda twaba tubifitemo izihe nyungu ? Nonese ko muvuga ko abarundi tutabarusha ubwenge none mukivugira ko tubashuka mugahunga iwanyu , ubwo murumva tutabarusha ubwenge hhhhh muritereta mukanirongora UTAZI ISRAEL AYISARIRA HO!!!! Naho utazi u RWANDA ARWIHENURAHO Abarundi mukomeze mudutere amagambo Twe tuzabasubiza ibikorwa ni mu Shaka mwemere ko U Rwanda ruyobora Africa haba mu mutwe,mumbaraga, no mubindi nkuko Israel iyoboye Asia Ubwongereza bukayobora Uburayi

  • Hhh ngo nitwe twashutse abarundi ngo muhunge??? Ubwo se nkabanyarwanda twaba tubifitemo izihe nyungu ? Nonese ko muvuga ko abarundi tutabarusha ubwenge none mukivugira ko tubashuka mugahunga iwanyu , ubwo murumva tutabarusha ubwenge hhhhh muritereta mukanirongora UTAZI ISRAEL AYISARIRA HO!!!! Naho utazi u RWANDA ARWIHENURAHO Abarundi mukomeze mudutere amagambo Twe tuzabasubiza ibikorwa ni mu Shaka mwemere ko U Rwanda ruyobora Africa haba mu mutwe,mumbaraga, no mubindi nkuko Israel iyoboye Asia Ubwongereza bukayobora Uburayi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.