IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abantu 813 nibo bahagaritswe mu mezi atatu, abandi 71 baburirwa (...)

Abantu 813 nibo bahagaritswe mu mezi atatu, abandi 71 baburirwa irengero

lundi 19 Kigarama 2016, par Egide NDUWIMANA

Ishirahamwe LIGUE ITEKA ririyamiriza ibikorwa vy’ubugizi bwa nabi bugizwe n’uguhagarika abantu hamwe n’ababurirwa irengero bibandanya kwibonekeza, bikorerwa abatavuga rumwe n’ubutegetsi. Muri LIGUE ITEKA bagiriza ubutegetsi ko butera ubwoba abatavuga rumwe nabwo.

Mu gihe Reta y’Uburundi ibandanya kumenyesha ko umutekano ari wose mu Burundi, ishirahamwe LIGUE ITEKA rivuga ko mu mezi atatu aheze, abantu baharurwa mu 272 aribo bahagaritswe, nayo abagera kuri 16 baburirwa irengero kuva mu kwezi kw’icumi.

Abagera ku 295 barahagaritswe mu kwezi kwa Munyonyo, abandi 39 baburirwa irengero.

Mu ndwi zibiri za mbere z’ukwezi kwa Kigarama, abagera ku 246 barahagaritswe, nayo 16 baburirwa irengero.

Anschaire Nikoyagize, umukuru w’ishirahamwe LIGUE ITEKA amenyesha ko abahagarikwa baba bagirizwa ugukorana n’imirwi irwanya Reta y’Uburundi.

Bamwe mu banyagihugu bo mu turere twakozwemwo imyiyerekano y’ukwiyamiriza ugusubira kwitoza kwa Petero NKURUNZIZA bavuga ko abasirikare, abaporisi hamwe n’inzego z’igendereza, bakora imikwabu itaba yamenyeshejwe, bakabuza abanyagihugu kuja mu bikorwa vyabo bitunze imiryango.


IGIHE

Messages

  • Komereza aho,ntawe utarwanya umwanzi nawe ntabwo bari bagukunze mugihe nashakaga kugukuraho.

  • Jew Singiramvuge Kurivyo,ariko Nagirambaze Abajejwe Ligue Iteka.Mbega Iyo Sew’abana Apfuye Agasiga Abana.Hanyuma Nyina Wabo Akagenda Kubaka N’uwundimugabo.Mbega Abobana Bocabajehe?Boshobora Gucabanyagwa Itunga Rya Se?

  • Murazobaza abahagaritswe Turukuta igihe hahushirijwe kudeta muzosanga bikuvye incuronyishi abo.

  • non abo bantu babafashe bakoze iki?

  • Aya mashirahamwe asaba ibintu bibiri bihushanye, hamwe ngo Leta nihane inkozi zibibi, ahandi Leta ntihagarike abantu, none izohana abo itahagaritse? Erega inkozi zikibi zironderwa mubantu. None mushaka inkozi zikibi bazirondere aha iwacu i mutambu hatekanye? Oya ziraho nyene habera ibibi, turabisobanukiwe natwe twarabitse abarwanyi imyaka myinshi aho agaciwe karuma twaronse agahengwe tubikuyeko

  • Raba ubwobu porisi uko busa nukunuka buranuka,ntibuzi niyamazi ari!,icibagiwe bwagara kumagufa. Umengo ntibirirwa bararya inyama zabantu!, batahure yuko umusi rwabahindukiriye heheee sinzi uko bizogenda, uwomugabo ngo Ninkurunziza arabahenda.Bibuke mu rwanda Havyarimana yarahenze interahamwe hamwe nigisoda, nigi porisi, ngo nibatoteze abatutsi hamwe nukubica.Amaze kujakwiga gukoroka mundege, agize rwarakoroka agatwe hasi ngo paaaa, abo yahenda unomusi bapfuye bayerera nkimiyinga yinzuki!. Nakurunziza ngu musi warwo, gwi nkoko ntibika, ubwobuhimbiri bwigi porisi hamwe nizombonerakure,hamwe nicogisoda catayumurongo tuzoraba iyo bazokwihamba,twebwa banyagihugu ntituzovyihanganira nagato, sikuipo.

  • tuzobaho! muga ntimudehe ntacavuzwe n’Imana katazoshika pole mwe muriko murahekugwa imana izobagarukirarako ibakureko izongorane

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.