IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Igiporisi cemeza ko abarovyi bafashwe n’igisirikare c’Urwanda basinzikarijwe (...)

Igiporisi cemeza ko abarovyi bafashwe n’igisirikare c’Urwanda basinzikarijwe ubuzima

mardi 28 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Nk’uko bivugwa na Petero NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, abarovyi batandatu bose hamwe nibo bari banyurujwe n’abasirikare b’Urwanda aho bari mu kiyaga Rweru muri komine Giteranyi, intara ya Muyinga, mu gatondo ko ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 24 Munyonyo 2017.

JPEG - 85.9 ko
Petero NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

Amakuru ava mu giporisi c’Uburundi amenyesha ko abo barovyi uko ari batandatu bose banyurujwe nk’igihe c’isaha icumi n’imwe z’igitondo ko kuri uwo munsi wa gatanu.

Nk’igihe c’isaha zitatu z’agatondo, babiri muri abo barovyi bahavuye barekurwa, ariko abandi bakaba bagumye mu minwe y’abasirikare b’Urwanda, nk’uko vyemezwa n’igiporisi, gushika kuri uwu wa kabiri. barekuwe inyuma y’iminsi ine, mu giporisi c’Uburundi bakemeza ko bashitse mu Burundi bafise ibimenyetso ko basinzikarijwe ubuzima.

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko naho abo barovyi bane barekuwe, hari uwundi umwe, Nyabenda Nestor, yafashwe n’abasirikare b’Urwanda nyene aho i Muyinga mu kiyaga Rweru, haraheze amezi atatu, ariko gushika n’ubu akaba atawuzi irengero ryiwe.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Abajejwe umutekano b’Urwanda barazi ico kiremwa muntu kivuga. Murumva n’uko abari bajabutse "kumesa" mu Rwanda babarekuye. Uwo mubeshi nawe avugira igipolisi c’Uburundi ko atavuga abantu banyurujwe izuba riva ntiriwe ndavuga igihe bazorekurirwa?

  • Pierre Nkulikiye wamubeshi we,ngo basinzikarijwe ubuzima?beshera abandi igisirikare c’u Rwanda kiri professionnelle mbe abo mwanyuruje bagatorwa ibiziga ni bangahe,nama nabivuze u Rwanda rwaradusize imyaka igihumbi kandi bazi ico arico agateka ka zina muntu,bravo RDF

  • Jewe mba i Muyinga abo mwita abarovyi sibo n’Imbonerakure zo ngaha i Muyinga zari zagiye gusuma urusaku hakurya mu Rwanda baca bafatwa n’igisoda c’u Rwanda,ntawaborejwe igufa n’umwe,Pierre Nkulikiye areke guhenda Abarundi n’amakungu

  • Mbega yemwe Umuvugizi wa Polisi arahumba ku murango/ Izo mbonerakure ngo n,abarobyi? Muzotinda mubone ko mwihenze Abanyarwanda ntibahubuka nka mwebwe. Mbega nine ko muvuga ngo barabarekuye abaye ari mwebwe ntimwari kubacira urwa Pilato? mwari kubafuba bahagaze ari bazima. Reka guhenda amakungu twarabamenye.

  • mengo uwo avuga amahonvyo ngo aratuvugira abarundi twaragowe!!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.