Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Impande zompi ntizirumvikana kw’irungikwa ry’Abarundi bafatiwe muri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Impande zompi ntizirumvikana kw’irungikwa ry’Abarundi bafatiwe muri (...)

Impande zompi ntizirumvikana kw’irungikwa ry’Abarundi bafatiwe muri Congo

mardi 31 Nzero 2017, par Egide NDUWIMANA

Impande zompi hagati y’Uburundi na Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo ziracumvikana ku kibazo c’ukurungika abantu bagera kw’ijana na mirongo umunani na batandatu bafatiwe muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, bikavugwa ko boba ari abarwanyi bariko bategura gukora ibitero mu Burundi.

Umushikiranganji w’ubutungane bw’Uburundi Aimée Laurentine KANYANA yashitse mu Gatumba, ku rubibe Uburundi buhana na Congo, ari kumwe na Sylvestre NYANDWI, umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika, hamwe n’abandi bategetsi.

Ku ruhande rwa Congo hari Marcellin Tchishambo, Buramatari w’intara ya Kivu y’amaja epfo, abategetsi bo muri MONUSCO hamwe n’abo mw’ishirahamwe CIRGL (Conférence Internationale sur la Région des Grands Lacs). Impande zompi ziriko zirondera umwumvikano kw’irungikwa ry’abo bafashwe, hamwe n’uguca hiryo no hino ibibazo bijanye n’umutekano wabo, kugira ntibagirirwe nabi bashikanwe mu Burundi.

Bitegekanijwe ko igiporisi c’Uburundi gishikirizwa mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri Abarundi bahora bapfungiwe muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Amakuru ava aho muri Congo ariko ataremezwa n’igiporisi c’Uburundi avuga ko abafashwe ari abarwanyi.

Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, OP1 Pierre NKURIKIYE yamenyesheje ko abarungitswe mu Burundi ari Abarundi bahora bapfungiwe muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Ubutegetsi bwa Congo bubashikiriza ubw’Uburundi kuri uwu wa kabiri, ku rubibe Congo ihana n’Uburundi mu Gatumba.

JPEG - 85.9 ko
OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

Turabigarukako mu makuru yacu yo hanyuma.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.