Accueil > Amakuru > u Burundi > Abaserukira UE muri EAC n’ihembe rya Afrika basaba ko ibiganiro bihuza (...)
Abaserukira UE muri EAC n’ihembe rya Afrika basaba ko ibiganiro bihuza abarundi bisubira gutangura
dimanche 3 juin 2018
Amakuru dukesha ikinyamakuru The Eastafrican, amenyesha ko, abo baserukira ibihugu biri mw’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya muri Afrika y’Ubuseruko n’ibiri mw’ihembe rya Afrika, bavuze ko ibiganiro bitabaye amakungu ashobora gutakaza icizere mu bijanye n’ibiganiro mu karere.
Ku ruhande rwiwe, Okello Oryem, umushikiranganji w’imigenderanire y’Ubuganda n’ayandi makungu, yamenyesheje ko umukuru w’igihugu c’Ubuganda azofasha gutanga inyishu ku kibazo c’Uburundi kandi biciye mu nzira z’amahoro.
Uwo mubonano wabaye inyuma y’indwi zibiri gusa, umukuru w’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika, Moussa Faki Mahamat, abwiye umukuru w’igihugu c’Ubuganda Yoweri Kaguta Museveni, ko igikorwa co guhuza abarundi ataco kirashikako.
MUGISHA Van Naris
Messages
6 juin 2018, 11:15, par Wa Gitega
Ivyo biganiro biduhuza nabatembagaj ubutegetsi ntavyo twokwemera kirets niba coup d’Etat isigay yemew muri UN