IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abaserukira UE muri EAC n’ihembe rya Afrika basaba ko ibiganiro bihuza (...)

Abaserukira UE muri EAC n’ihembe rya Afrika basaba ko ibiganiro bihuza abarundi bisubira gutangura

dimanche 3 juin 2018

Amakuru dukesha ikinyamakuru The Eastafrican, amenyesha ko, abo baserukira ibihugu biri mw’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya muri Afrika y’Ubuseruko n’ibiri mw’ihembe rya Afrika, bavuze ko ibiganiro bitabaye amakungu ashobora gutakaza icizere mu bijanye n’ibiganiro mu karere.

Ku ruhande rwiwe, Okello Oryem, umushikiranganji w’imigenderanire y’Ubuganda n’ayandi makungu, yamenyesheje ko umukuru w’igihugu c’Ubuganda azofasha gutanga inyishu ku kibazo c’Uburundi kandi biciye mu nzira z’amahoro.

Uwo mubonano wabaye inyuma y’indwi zibiri gusa, umukuru w’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika, Moussa Faki Mahamat, abwiye umukuru w’igihugu c’Ubuganda Yoweri Kaguta Museveni, ko igikorwa co guhuza abarundi ataco kirashikako.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.