IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abaserukira Uburundi muri EALA ntibemera ivyavuye mu matora

Abaserukira Uburundi muri EALA ntibemera ivyavuye mu matora

mercredi 20 Kigarama 2017, par Egide NDUWIMANA

Mw’itangazo abashingamateka baserukira Uburundi muri EALA basohoye kuri uwu wa gatatu, inyuma y’aho umushingamateka Martin NGOGA aserukira Urwanda atahukanye intsinzi mu matora y’umukuru w’inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko, abo baserukira Uburundi bamenyesheje ko ingingo ya 53.1 itubahirijwe, iyo nayo ikaba ivuga ko uwutwara EALA atorwa biciye mu kubisikanya, ariko atari uguhiganwa.

JPEG - 45.4 ko
Abashingamateka baserukira Uburundi basohoye itangazo rivuga ko batemera ivyavuye mu matora

Abo baserukira Uburundi bavuga ko n’ibitigiri bisabwa kugira habe amatora bitubahirijwe, aho akaba ari mu gihe ayo matora yabaye abaserukira Uburundi hamwe n’abaserukira Tanzaniya badahari.

Iryo tangazo ryateweko umukono n’abashingamateka icenda bose baserukira Uburundi muri EALA rivuga ko ivyavuye muri ayo matora ata gaciro bifise, kandi ko bitaraba Uburundi.

Abo bashingamateka icenda b’Uburundi basaba ko amategeko yokwubahirizwa mw’itorwa ry’uwutwara EALA.

JPEG - 45.3 ko
Abashingamateka icenda bose baserukira Uburundi bateye umukono kuri urwo rwandiko

Mu matora y’umukuru w’inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko (EALA) yabaye abashingamateka baserukira Uburundi badahari, umushingamateka yatanzwe n’igihugu c’Urwanda niwe yatsinze ku majwi 33 ku bashingamateka 36 batoye.

Imbere y’uko ayo matora aba, abo baserukira Uburundi biri biyamirije ivyo bise akarenganyo gakorwa mw’itorwa n’umukuru wa EALA, aho bavuga ko amategeko y’ugukurakuranwa muri ubwo burongozi atubahirizwa, ayo nayo akaba avuga ko ibihugu bikurakuranwa muri ubwo burongozi hisunzwe indome z’amazina y’ibihugu. Abo baserukira Uburundi bari basavye kandi ko igihugu kiramukiwe muri ubwo burongozi arico conyene cari gikwiye gutanga izina ry’uwitoza.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • None kuki mwatanze umukandida mu matora?

  • Iyo abo bashingamateka b’Uburundi baba bashigikiye ivyo kubisanya ku butegetsi bari gusubira i Bujumbura bakabwira Abarundi n’amakungu y’uko abagitwara bahari n’abo nyene bitaciye mu kubisikanya, gurtyo bakabasaba gukinjura.

  • Je nibaza ko nubwo bavuga amategeko, none ko bavuga ko EALA yabanje gutwarwa na Tanzania, T muri alphabet igira kangahe? Mu nyuma hakurikiye Kenya, K naho nyene iza inyuma ya B. Ubwa gatatu haje Uganda, U igira kangahe? Uyu munsi iryo tegeko niho bibutse ko ryokurikizwa?

  • nohanura uburundi kuva muri EALA igihe cose mbona CNDD-FDD ya Nkurunziza ikirungikayo abantu batazi icongereza kandi batazi na politike y’akarere. EAC ni Empire HIMA legal/ ese umuhutu yokorayo iki. Peter arapapa reka bamwugurure amaso

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.