IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abashaka kwubakana bategetswe kubanza guhabwa inyigisho

Abashaka kwubakana bategetswe kubanza guhabwa inyigisho

mercredi 30 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Nk’uko biri muri iryo tegeko rya Freddy MBONIMPA umukuru w’igisagara ca Bujumbura, izo nyigisho zizotangwa mu ntumbero yo gushira mu ngiro itegeko ry’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA risaba abajejwe intwaro kurwanya abubakana bidaciye mu mategeko.

Abashaka kwubakana babicishije mu mategeko bazokwigishwa ivyo umwe wese asabwa mu rugo, mu nyigisho zizohora zitangwa mu munsi wa gatatu muri komine canke muri zone. Abashaka kwubakana bategekwa kujana uko ari babiri muri izo nyigisho zizotangwa incuro zibiri (Deux séances). Muri komine, umuhanuzi ajejwe ivy’intwaro n’imibano niwe azokwigisha abashaka kwubakana. Mu gihe yafatiriwe, izo nyigisho zizotangwa n’umunyamabanga wa komine

Mu gisagara ca Bujumbura, izo nyigisho zizotangwa n’umukuru wa zone, yafatiriwe naho ico gikorwa kirangurwe n’umunyamabanga wa zone.

Muri iryo tegeko ry’umukuru w’igisagara ca Bujumbura bavuga ko ubugeni bw’abashaka kwubakana batitavye izo nyigisho incuro zibiri butazokwemerwa, mukamenya kandi ko n’igihe bizoshika umwe mu bashaka kwubakana agasiba izo nyigisho ko ubwo bugeni bwabo butazokwemerwa.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • IYO NGINGO NI NZIZA CANE ARIKO MFISE AMAKENGA KO ABAZIGISHA AYO MATEGEKO Y4INGO N’IMIRYANGO HARIMWO ABAZOBABA BATABIFITIYE UBUMENYI BUKWIYE MUGIHE TUZIKO ATARI BOSE BIZE AMATEGEKO MUVYO BAKURIKIRANYE MUMASHULE BIZE.

  • ABOBIGISHA NABANTU BAMWE BARAHENGAMA KUBERA USANGA BANYIKIJWE NABAGORE ABANDI BASAMBANIRA NIRA MWIBANGA NIMANZA ZABAGABO NABABAGORE BARAHENGAMA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.