IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umubano w’Uburundi n’Urwanda wagarutse mu vyabajijwe mu nama nshingamateka

Umubano w’Uburundi n’Urwanda wagarutse mu vyabajijwe mu nama nshingamateka

mercredi 28 Ruheshi 2017

Abo bashikiranganji ni umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukundisha igihugu Pascal BARANDAGIYE, umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu Alain Aime NYAMITWE, umushikiranganji w’ubutungane Aimee Laurentine KANYANA hamwe n’umushikiranganji ajejwe agateka ka zina muntu Martin NIVYABANDI.

Ibibazo vyabajijwe n’abashingamateka ,bagarutse ahanini ku bibazo bijanye n’ikibazo kiri hagati y’Urwanda n’Uburundi,ibibazi bijanye n’amasezerano Uburundi bwateyeko umukono,ibibazo bijanye n’agateka ka zina muntu mu Burundi, hamwe n’ibijanye n’ibiganiro bihuza abarundi.

Ku kibazo co kumenya uko ibintu vyifashe hagati y’Uburundi n’Urwanda,umushikiranganji w’ubutungane Aimee Laurentine KANYANA yavuze ko hari amatohoza yari gukorwa n’ishirahamwe ry’ibihugu biri mu karere k’ibiyaga binini kugira batohoze ku bijanye n’uko hari abarundi bahabwa inyigisho za gisirikare mu gihugu c’Urwanda,ariko atigeze akorwa kubera igihugu c’Urwanda cavyanse.

JPEG - 29.3 ko
Aimee Laurentine KANYANA,umushikiranganji w’ubutungane

Ku bijanye n’ubutungane hagati y’Uburundi n’Urwanda Aimee Laurentine Kanyana yavuze ko ico Reta y’Uburundi ishira imbere ari ibiganiro,ivyo kwitura ubutungane vyategerezwa kuza ku rugero rwa nyuma.

Yishura ku bibazo bijanye n’amasezerano Uburundi bwateyeko umukono,umushikiranganji w’imigenderanire Alain Aime NYAMITWE yavuze ko hari amasezerano akwiye gusigurirwa abarundi.

JPEG - 18.9 ko
umushikiranganji w’imigenderanire Alain Aime NYAMITWE

Alain Aime NYAMITWE yavuze ko vyokorwa mu ntumbero yo kugira bamenye ico avuga n’akarusho igihugu gikuramwo iyo kiyarimwo,n’ico cohomba kiyavuyemwo,kuko rimwe rimwe Uburundi busanga buri mu bibazo kubera ayo masezerano.

Ku ruhande rwiwe,umushikiranganji w’intwaro yo hagati n’inyigisho zo gukundisha igihugu Pascal BARANDAGIYE yavuze ko abazungu bafise intumbero yo gukorera Uburundi nk’ivyo bakoze mu gihugu ca Libiya,ariko ko hari ikibabaje.

JPEG - 65.9 ko
Pascal BARANDAGIYE,umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu

Pascal BARANDAGIYE yavuze ati:«Birababaje kubona abazungu baca ku barundi nyene kugira bahungabanye Uburundi.»

Ku bijanye n’agateka ka zina muntu,umushikiranganji ajejwe agateka ka zina muntu Martin NIVYABANDI yamenyesheje ko igihugu c’Uburundi atarico kiri inyuma mu bijanye n’iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu kw’isi.

JPEG - 25.7 ko
Martin NIVYABANDI,umushikiranganji w’agateka ka zina muntu

Ku kibazo co kumenya ingene imigenderanire hagati y’Uburundi n’amashirahamwe mpuzamakungu araba ivy’agateka ka zina muntu yifashe,umushikiranganji Martin NIVYABANDI yavuze ko iyo migenderanire atawoyigaya kuko atari mibi.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • ndashigikiye Ivyo Nyakwubahwa Barandagiye Yavuze.Abarundi Twari Dukwiriye Kwigira Kuri Libia.Turabe Ingene Ubu Abanye Libia Bagowe Kandi Bari Barashigikiye Abansi B’ Afrika Ba Ndambi Ngo N’abazungu Mukugandagura Intwari Yacu Kadhafi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.