IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Abashikiranganji batatu imbere y’abakenguzamateka

Abashikiranganji batatu imbere y’abakenguzamateka

vendredi 23 Munyonyo 2012

Abo ni Eduard Nduwimana ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu, Concilie Nibigira ajejwe kumenyeshamakuru na Clotilde Niragira ajejwe ubushikiranganji bwo gufatana munda bitavye abakenguzamateka ngo basigure aho bagejeje ibikorwa bajejwe.

Gushiraho uburyo bushasha bwo gutumanatumanako amakuru bita Fibre optique,aho umugambi CSPLII wo kurwanaya ubukene ugeze,ibikorwa vy’imigambwe hamwe n’ikibazo c’umugwi CNTB ujejwe gutatuta amatati y’amatongo n’ayandi matungo nivyo vyatumwe abo bashikiranganji batatu bajejwe ivyo bibazo bitaba inama nkenguzamateka kuri uyu wa kane italike 22 uku kwezi kwa Munyonyo.

Uwo kumenyeshamakuru yabwiye abakenguzamateka ko ubushikiranganji ajejwe buriko burakwiragiza mu bundi bushikiranganji bwose amategeko mashasha yerekeye umugambi w’ingene u Burundi buzoba bumeze mw’iterambere mu mwaka w’2025 bita Vision 2025 hamwe n’umugambi CSLPII wo kugwanya ubukene.
Concilie Nibigira yavuze kandi ko ubuhinga bushasha bwo kumenyeshamakuru Fibre optique bugeze ku ntambwe ishimishije.

Uwujejwe gufatana munda, abakenguzamateka bamubajije cane cane ivyerekeye ingene abarundi bahungiye mu gihugu ca Tanzaniya bariko baratahuka n’ingene bahabwa infashanyo.
Clotilde Niragira yemeje ko ishirahamwe mpuzamakungu HCR, igihugu ca Tanzaniya hamwe n’u Burundi bavyiteguriye bikwiye mu kwakira no guha ibifungurwa vya mbere izo mpunzi.

Aho ni mugihe abarundi barenga ibihumbi umunani bamaze guhunguka bavuye muri Tanzaniya kuva mu ntango z’uku kwezi kwa Munyonyo . Izo mpuzi zari zahungiye mw’i kambi y’impunzi ya Mtabila mu gihugu ca Tanzaniya mu myaka y’1972 hamwe n’1993. Bavuga ko bariko batahukanwa ku nguvu, ngo hari mbere n’abasizeyo abana babo, amatungo n’ibindi.
Bose hamwe uko bangana ibihumbi 35 bategerezwa kuba batahutse mu Burundi gushika kw’italike 31 z’ukwezi kwa Kigarama uyu mwaka.

Abakenguzamateka baramubajuje kandi ivyerekeye umugwi CNTB utatura amatati y’amatongo. Uwo mugwi w’igihugu uridogerwa n’abasangwa ko ubacinyiza aho kubatunganiriza cokimwe n’abahungutse. Umushikiranganji w’ugufatana munda yishuye ko hariko harategurwa itegeko ryiza rizotomora neza ico uwo mugwi ujejwe.
Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu na wene yari imbere y’abashingamateka. Wewe ntiyorohewe.

Bamubajije igituma ubushikiranganji arongoye butorohereza imigambwe cane cane iyitavuga rumwe na reta. Yishuye amajambo make, ati iyo hageze gukurikiza amategeko nta nkunzi. Yamenyesheje ko imigambwe itavugarumwe na reta idashaka gukurikiza amatego, yavuze kandi ko n’urunani ADC-Ikibiri ruhurikiyemwo iyo migambwe rutemewe n’amateko.
Abatowe n’abanyagihugu nabo bamubajije ko birekuwe gukoresha inguvu nko gukubita canke kurasa abantu ata birwanisho bafise. Eduard Nduwimana yishuye ko guhoresha inguvu ata tegeko biba vyisunze.

Aho ni mugihe abanywanyi b’imigambwe itavuga rumwe na reta bagiriza uwo mushikiranganji ko acanishamwo imigambwe akongera akayiburabuza mu bikorwa vyayo mu kubuza inama nyinshi z’iyo migambwe.

Abakenguzamateka basavye umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu gukora ibishoboka vyose kugira hasubira kuba icuka ciza hagati ya reta n’abo batavuga rumwe. Naho ngo yoba ari amategeko ameze nabi, bamusavye gutegura ayandi mategeko akayashikiriza reta ikayiga.


Isanganiro

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.