IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abashingamateka ba EALA bari mu rugendo rwo kurabira hamwe ibijanye n’isoko (...)

Abashingamateka ba EALA bari mu rugendo rwo kurabira hamwe ibijanye n’isoko rusangi

lundi 19 février 2018

Mu kiganiro bahaye abamenyeshamakuru inyuma y’urugendo bagize mu bushikiranganji bujejwe iyinjira ry’Uburundi mu karere ka Afrika y’Ubuseruko, uwaje arongoye abo bashingamateka Wanyiku Muhiya, yavuze ko urwo rugendo barugize mu ntumbero yo kurabira hamwe ibijanye n’isoko rusangi.

Wanyiku Muhiya yavuze ko urwo rugendo baruhereye mu gihugu ca Tanzaniya, bakaba bagenda baraca ahakorerwa ibikorwa vy’ubudandaji nk’ahari iminzane ipima ibidandazwa vyose biva mu gihugu kimwe bija mu kindi co mu karere ka Afrika y’Ubuseruko EAC.

Muri ico kiganiro, uwo yaje arongoye abo bashingamateka yavuze ko abashingamateka b’’inama nshingamateka y’akarere ka Afrika EALA bashaka ko abarundi bamenya ivyo bariko barakora, bamenye kandi akamaro bashobora gukura mw’iyinjira mu karere ka Afrika y’Ubuseruko EAC.

Abo bashingamateka b’inama nshingamateka y’akarere ka Afrika y’Ubuseruko bakaba bemeye ko bagiye kuba abaserukizi b’Uburundi.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.