Accueil > Amakuru > u Burundi > Abashingamateka babiri b’abarundi batowe kuja mu biro vya EALA
Abashingamateka babiri b’abarundi batowe kuja mu biro vya EALA
vendredi 9 février 2018
Umushingamateka Christophe NDUWAYO yatowe mu Runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi, na Leontine NZEYIMANA yatowe mu mugambwe CNDD FDD akaba kandi yahoze ari umushikiranganji w’Uburundi ajejwe akarere ka Afrika y’Ubuseruko, nibo batowe ngo babe mu biro vy’inama nshingamateka EALA.
Umushingamateka Christophe NDUWAYO yatowe ku majwi 43 kuri 47, mu gihe Leontine NZEYIMANA yatowe ku majwi 39 kuri 47.
Ibikorwa vy’inama nshingamateka y ‘Akarere ka Afrika y’Ubuseruko EALA biriko bibera i Kampala ku murwa mukuru w’Ubuganda.
MUGISHA Van Naris