IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umushikiranganji BARANDAGIYE yatumiwe mu nama nshingamateka

Umushikiranganji BARANDAGIYE yatumiwe mu nama nshingamateka

mardi 8 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe, abashingamateka bo mu runani rw’Abigenga AMIZERO Y’ABARUNDI bagarutse ku kibazo cabo bavuga ko babandanya kuburabuzwa n’abajejwe intwaro, mu bikorwa vyabo vya poritike nk’abashingamateka. Abo bashingamateka bagarutse ku vyababayeko, aho bankiwe n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura kuremesha ikiganiro ku bamenyeshamakuru kugira bashikirize icegeranyo c’ivyo baranguye mu karuhuko k’inama nshingamateka bari baherukamwo.

Kuri ico kibazo, umukuru w’inama nshingamateka yishuye ko icegeranyo c’ibikorwa vy’umwe mu mirwi igize inama nshingamateka gishikirizwa iyo nama.

JPEG - 105.2 ko
Pascal NYABENDA, umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi

Abo bashingamateka bavuga kandi ko batoroherezwa mu gihugu hagati iyo bari mu bikorwa vyabo vya minsi yose nk’abashingamateka.

Ivyavuye muri ico kiganiro kiriko kibera mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe, hagati y’abashingamateka hamwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu turabigarukako mu makuru yacu yo hanyuma.

JPEG - 77.9 ko
Pascal BARANDAGIYE, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu

Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.