IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abasirikare bari mu gikorwa co kugarukana amahoro biyandikishije (...)

Abasirikare bari mu gikorwa co kugarukana amahoro biyandikishije bazokwitabe amatora

jeudi 15 février 2018

Abicishije ku rubuga rwa Twitter, umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi Colonel Gaspard BARATUZA, amenyesha ko ico gikorwa co kwiyandikisha ku basirikare b’abarundi bari mu bikorwa vyo kugarukana amahoro kiriko kigenda neza.

Abo basirikare ni abari mu bikorwa vyo kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya mu rwego rwa AMISOM, hamwe n’abasirikare bari mu gihugu ca Centrafrika, ku rwego rwa MINUSCA.

Igikorwa co kwandika abazokwitaba amatora catanguye kw’igenekerezo rya 8 Ruhuhuma 2018, kizorangira kw’igenekerezo rya 17 Ruhuhuma 2018.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.