IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abatumiwe n’umuhuza MKAPA muri Uganda basavye ivyemeza ko umutekano wabo (...)

Abatumiwe n’umuhuza MKAPA muri Uganda basavye ivyemeza ko umutekano wabo uzokwubahirizwa

mardi 16 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Ku butumire bwarungitswe n’umuhuza, handitswe ko uwo mubonano uzomara iminsi ibiri, kw’igenekerezo rya 24 na 25 Rusama 2017. Mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike yatumiwe, bavuga ko batangajwe n’ikumirwa rya bamwe muribo, aho umuhuza yasavye ayo mashirahamwe ko yorungika abazoyaserukira, ariko bakaba ari abadakurikiranwa n’imitahe mpuzamakungu yarungitswe na Reta y’Uburundi. Mw’ikete ryarungikiwe umuhuza MKAPA, abo batumiwe bamwibukije ko iyo mitahe yarungitswe n’uruhande rumwe mu begwa n’ikibazo c’Uburundi, urwo ruhande akaba ari Reta y’umukuru w’igihugu NKURUNZIZA.

Ayo mashirahamwe avuga ko atangazwa n’ingene umuhuza yogarukana ivy’iyo mitahe muri ayo mashirahamwe batemera, ari naco gituma ata Reta n’imwe yigeze iyiha agaciro, hamwe n’igiporisi "INTERPOL" kitigeze kibakomakoma. Ayo mashirahamwe yibutsa kandi ko ritabaye irya mbere abafise iyo mitahe batumirwa, kuko hari abaheruka i Arusha.

Muri iryo kete, ayo mashirahamwe yasavye umuhuza ko yotomora ibijanye n’ubwo butumire, ibiri muribwo bikumira bamwe mu baserukira ayo mashirahamwe bikurwemwo, n’umutekano w’abazoja aho muri Uganda wubahirizwe, aho akaba ari mu gihe bamwe mu baserukira ayo mashirahamwe bari bitavye ibiganiro nk’ivyo vyabereye i Arusha muri Tanzaniya, bahatswe guhagarikwa n’igiporisi c’ico gihugu.

Amashirahamwe yandikiye umuhuza ni :

1. ABR : Patrick Nduwimana
2. ACAT : Me Armel Niyongere
3. APRODH : Pierre Claver Mbonimpa
4. FOCODE : Pacifique Nininahazwe
5. FORSC : Me Vital Nshimirimana
6. OPB : Innocent Muhozi

JPEG - 78.4 ko
Bamwe mu bandikiye umuhuza MKAPA

NDUWIMANA

Messages

  • Iyomibonano yo gukumira bariya nabariya ntacimaze!, ikibazo cu Burundi nicabarundi bose.
    Aya mashirahamwe reta ya myakubahwa Nkurunziza yita abasi, hamwe atotumirwa bizoba bimaze kugaragara yuko abobitwa abahuza, bazoba bamaze kwerekana yuko bakorera kuvyiyumviro vya Nkurunziza peter.
    Ayo mashirahamwe twebwe abenigihugu turashigikiye kubera ibikorwa vyayo bishimishije, kiretse abasazwe batanezerwa naba birirwabarica bagasahura, bwaca ya mashirahamwe yatangaza kuvyo bariko, bakorera abenigihugu, agacahinduka abansi.
    Ayo mashirahamwe aronderwa na reta ntacaha yigeze akorera abarundi, ataruko yagiye arashikiriza ibitagenda neza ngaha muburundi ntakindi ariko arazira, na bamwe barongoye ayo mashirahamwe imiryango yabo ikaba ya ramaze kugandagurwa na bamwe ntiriwe ndadondagura.

  • Biribonekezaki Leta yuburundi ikinisha yaturufu irya izindi muri ibi biganiro, kuko abo bahunze haricaha bagiye bakoze bavyemera canke bavyanka kirabakora. Nibareke gutera igere barungike abandi bo murayo mashirahamwe atakibagira kuko po yarabacanze gato bitiranya ibihe, batama mubimenye kuva 2005 twinjiye mubindi muri po yuburundi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.